Yobu 21:1-34

  • Yobu amwishura (1-34)

    • «Kuki ababisha baroranirwa?» (7-13)

    • Ahinyuza abitwa ngo bariko baramuhoza (27-34)

21  Yobu yishura ati:   «Nimwumvirize neza ivyo ngira mvuge.Aho ni ho mwoba mumpojeje.   Nimunyihanganire mvuge.Ninaheza kuvuga muraheza muntwengere mw’ijigo+.   Mbega mwibaza ko ndiko nganyira umuntu? Hamwe vyoba ari ukwo, ukwihangana nogukura hehe?   Nimundabe mwumirwe.Nimwifate ku munwa.   Iyo ndavyiyumviriye birampagarika umutima,umubiri wanje wose ukajugumira.   Kubera iki ababisha babandanya kwiberaho+,bagasaza, mbere bakaba n’abatunzi*+?   Bama bakikujwe n’abana babo,bakabona n’uruvyaro rwabo.   Ingo zabo ziratekanye, nta kizitera ubwoba+.Imana ntibahanisha inkoni yayo. 10  Impfizi zabo zirimya zigafatisha.Inka zabo ziravyara, ntiziramburura. 11  Uduhungu twabo turiruka hanze nk’imyagazi y’intama,abana babo bakaguma bikina amatavu. 12  Baguma biririmbira bajanisha n’ingoma n’inanga,bagahimbarwa n’ijwi ry’umwironge+. 13  Bamara ubuzima bwabo biryoherewe,hanyuma bakimanukira mu kuzimu mu mahoro*. 14  Mugabo babwira Imana y’ukuri bati: “Twirekere! Ntidushaka kumenya inzira zawe+. 15  Mushoboravyose ni nde ngo tumukorere+? Mbega kumumenya vyotumarira iki+?” 16  Ariko ndazi ko ukuroranirwa kwabo kutari mu minwe yabo+. Ivyiyumviro* vy’ababisha biri kure yanje+. 17  Ni kangahe murabona itara ry’ababisha rizima+? Ni kangahe ivyago bibazako? Ni kangahe Imana ibarandura yashavuye? 18  Mbega barigera bamera nk’ivyatsi biguruwe n’umuyaga?Barigera bamera nk’umuguruka utwawe n’igihuhusi? 19  Igihano c’umubisha Imana izokibikira abana biwe. Ese yobimwishura ku buryo abimenya+! 20  Ese amaso yiwe yobona ugutemba kwiwe,akaba ari we yihurira* n’uburake bwa Mushoboravyose+! 21  Kuko atitaho ibizoshikira urugo rwiwe mu nyuma zi⁠we,naho vyoshika agapfa giturumbuka+. 22  Mbega hari uwokwigisha Imana ikintu na kimwe*+kandi ari yo icira urubanza mbere n’abahambaye+? 23  Hari abantu bapfa bagifise inkomezi zabo zose+,ata myitwarariko bafise, bitekaniye+, 24  amatako yabo yuzuyeko ibinure,n’amagufa yabo agikomeye*. 25  Hakaba n’abandi bapfana agahinda,batigeze bahonja ivyiza. 26  Bose bazoryama hamwe mu mukungugu+,kandi inyo zizobatondako bose+. 27  Erega ndazi neza ivyo muriko muriyumvira,n’imigambi muriko murapanga yo kundenganya*+. 28  Kuko mwivugira ngo: “Inzu y’umuntu ahambaye iri hehe?Ihema umubisha yahora abamwo riri hehe+?” 29  Mbega ntimurabaza abagira ingendo? Ntimusuzuma neza ivyo bashitseko*? 30  Ntimwabonye ko umubisha akingirwa ku musi w’ivya⁠goakongera agatabarwa ku musi w’uburake? 31  Ni nde yomwereka amaso mu yandi ko inzira yiwe ari mbi?Ni nde yomusubiriza mu nkoko ku vyo yakoze? 32  Iyo bamuhamvye mw’itongo ry’abapfuye,imva yiwe iguma icungerewe. 33  Ibinonko vyo mu mubande* bizomuruhurira+.Abantu bose bazomukurikira*+,nk’uko n’ayandi masinzi yamwitangiye imbere. 34  Kubera iki none mumpa uruhoza ata co rumaze+? Ivyo munyishura vyose ni ibinyoma gusa.»

Utujambo tw'epfo

Canke «abantu bakomeye.»
Canke «mu kanya gato.» Ni ukuvuga gupfa ningoga utarinze kubabara.
Canke «impanuro», «amayeri.»
Mu giheburayo havuga ngo «anywa.»
Canke «uworonsa Imana ubumenyi.»
Mu giheburayo havuga ngo «n’umusokoro w’amagufa yabo ubomvye.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «yo kungirira nabi.»
Mu giheburayo havuga ngo «ibimenyetso vyabo.»
Canke «mu mwonga.»
Mu giheburayo havuga ngo «azokwegera inyuma yiwe abantu bose.»