Yobu 32:1-22

  • Elihu yinjira mu kiyago (1-22)

    • Ashavurira Yobu na bagenziwe (2, 3)

    • Yararindiranye icubahiro imbere yo kuvuga (6, 7)

    • «Imyaka gusa si yo ituma umuntu aba inkerebutsi» (9)

    • Elihu yumva ashashaye kuvuga (18-20)

32  Nuko abo bagabo batatu bareka kugerageza kwishura Yobu, kuko yabona ko ari umugororotsi+.  Ariko Elihu mwene Barakeli w’i Buzi+ wo mu muryango wa Ramu yari yashavuye cane. Yari ashavuriye Yobu kubera yariko agerageza kwerekana ko ari we ari mu kuri, aho kuvuga ko Imana ari yo iri mu kuri+.  Vyongeye, yari ashavuriye cane ba bagenzi batatu ba Yobu, kuko bari babuze ico bishura ahubwo bakegeka amakosa ku Mana+.  Elihu yari yabaye ararindira kwishura Yobu kuko bamurusha imyaka+.  Elihu abonye ko ba bagabo batatu babuze ico bishura, aca ararungura n’ishavu.  Elihu mwene Barakeli w’i Buzi araheza afata ijambo, avuga ati: «Ndacari muto*ariko mwe murakuze+. Ni co gituma nabubashe nkigumya+,sintinyuke kubabwira ico nzi.   Nari nibwiye nti: “Reka abatama* bavuge.Abafise imyaka myinshi nibamenyeshe ubukerebutsi.”   Mugabo impwemu iri mu bantu,impemu za Mushoboravyose ni zo ziha abantu ubwenge*+.   Imyaka gusa si yo ituma umuntu aba inkerebutsi,kandi abatama bonyene si bo batahura ibigororotse+. 10  Ni co gituma mvuze nti: “Nimunyumvirize,nanje ndababwire ico nzi.” 11  Raba narindiriye amajambo yanyu,ndatega ugutwi ivyiyumviro vyanyu+igihe mwariko murondera ikintu gitomoye mwovuga+. 12  Nagumye ndabateze yompi,ariko nta n’umwe yashoboye kwerekana ko Yobu ari mw’ikosa*,canke ngo aronke ico yishura ku majambo yiwe. 13  Ntimuvuge rero ngo: “Turafise ubukerebutsi.Imana ni yo yerekana ko ari mw’ikosa, si umuntu.” 14  Amajambo yiwe ntiyayerekeje kuri jewe.Ni co gituma ntamwishura nkoresheje ivyiyumviro vyanyu. 15  Ehe raba bajumarariwe, nta co bagifise bishura.Nta kintu basigaranye bavuga. 16  Narindiriye ariko ntibasubiye kuvuga.Baguma bahagaze ng’aho gusa, ata kindi bishura. 17  Nanje rero ngira mvuge,ngira menyeshe ico nzi, 18  kuko nuzuye amajambo.Impwemu iri muri jewe ntinkundira kunuma. 19  Imbere muri jewe hameze nk’umuvinyu utagira ihemero,nk’imikuza mishasha y’inshato igira iturike+. 20  Nimundeke mvuge kugira nduhuke. Ngira nteranure akanwa nishure. 21  Nta muntu n’umwe nza kugirira nkunzi+,kandi nta we nza gusiga inkore ku maso*, 22  kuko je ntazi gusigana inkore ku maso.Hamwe nobigira, uwandemye yoca ankuraho ubwo nyene.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «muto mu misi.»
Mu giheburayo havuga ngo «imisi.»
Canke «ugutegera.»
Canke «yashoboye gukosora Yobu.»
Canke «nta we mpa icubahiro.»