Yobu 35:1-16

  • Elihu yerekana ko ivyiyumviro vya Yobu atari vyo (1-16)

    • Yobu avuga ko agororotse kurusha Imana (2)

    • Imana iri hejuru cane; ducumuye nta co biyigira (5, 6)

    • Yobu akwiye kurindira Imana (14)

35  Elihu abandanya kwishura ati:   «Aho urabona neza ko uri mu kuri ku buryo uvuga ngo:“Ndagororotse kurusha Imana+”?   Kuko uvuga ngo: “Bimaze iki*? Hari ico nungutse ngo ni uko ntacumuye+?”   Reka ndakwishuremwe na bagenzawe+ muri kumwe.   Rangamiza hejuru urabe,witegereze ibicu+ biri hejuru yawe.   Mbega iyo ucumuye, uyigira iki+? Ivyaha vyawe vyongerekanye, biyitwara iki+?   Nimba uri umugororotsi, biyimarira iki?Mbega hari ico biyungura+?   Ububisha bwawe bugirira nabi umuntu nkawe gusa,n’ubugororotsi bwawe bwungura umwana w’umuntu gusa.   Abantu baguma batabaza kubera agahahazo gakomeye.Baguma batabaza ngo bakurweko agacinyizo* k’abahambaye+. 10  Ariko nta n’umwe abaza ati: “Imana iri hehe, Umuremyi wanje ahambaye+,umwe atuma abantu bahibongoza uturirimbo mw’ijoro+?” 11  Ni yo itwigisha+ kuruta ibikoko vyo kw’isi+,ikaducisha ubwenge kuruta inyoni zo mu kirere. 12  Abantu baguma batabaza, ariko ntiyishura+,kubera ubwishime bw’ababisha+. 13  Erega Imana ntiyumva abantu bikomesha amaruru*+.Mushoboravyose ntabitaho na gatoyi. 14  Hari akantu wewe uguma widoga ngo ntuyibona+! Urubanza rwawe ruri imbere yayo, nuyirindire ubishashaye rero+. 15  Kuko itagushavuriye ngo ikubaze ivyo wakoze,canke ngo ishire umutima ku majambo yawe yo guhuruduka+. 16  Yobu avuga ibintu bitagira akamaro.Avuga amajambo menshi ku bintu atazi+

Utujambo tw'epfo

Hashobora kandi kuvugwa ngo «bimaze iki ku Mana?»
Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko.»
Canke «ntiyumviriza ibinyoma.»