Yobu 36:1-33

  • Elihu ahayagiza ububasha bukomeye bw’Imana (1-33)

    • Abagamburuka bararoranirwa; abatubaha Imana bakibonerako (11-13)

    • «Hari umwigisha ameze nk’Imana?» (22)

    • Yobu akwiye guhayagiza Imana (24)

    • «Ntidushobora gutahura ububasha bw’Imana» (26)

    • Imana iri n’ububasha ku mvura no ku miravyo (27-33)

36  Elihu arabandanya ati:   «Nyihanganire kandi gatoyi ndagusigurire,kuko ngifise ibindi mvuga ku vyerekeye Imana.   Ngira mvuge ivyo nzi vyose,nerekane ko uwandemye agororotse+.   Ni ukuri, ivyo mvuga si ikinyoma.Umwe afise ubumenyi butagira agahaze+ ari aho imbere yawe.   Imana irahambaye+ ariko nta n’umwe ikengera.Ifise ubushobozi bwo gutegera bukomeye.   Ntikingira ababisha ngo ntibapfe+,ariko iratunganiriza abigorewe+.   Yamiza ijisho ryayo ku bagororotsi+.Ibicarika hamwe n’abami*+, ikabashira hejuru ibihe vyose.   Ariko iyo baboheshejwe iminyororo,bagafatwa n’imigozi y’amarushwa,   ica ibamenyesha ivyo bakoze,amakosa bakoze kubera ubwishime bwabo. 10  Irabugurura amatwi kugira ibakosore,ikababwira ngo bareke gukora ibibi+. 11  Bagamburutse bakemera kuyikorera,imisi yose basigaje bayimara bahimbawe,imyaka yabo bakayimara banezerewe+. 12  Ariko banse kugamburuka, bamarwa n’inkota*+kandi bagapfa ata bumenyi baronse. 13  Abantu batubaha Imana* bamana umwikomo. Naho yobaboha ntibatabaza ngo ibafashe. 14  Urupfu rubahitana bakiri bato+,kuko bamara ubuzima bwabo mu bamaraya*+. 15  Ariko Imana itabara abarushwa mu magorwa yabo,igatuma bayumviriza iyo bariko barahahazwa. 16  Igukura mu vyago+ikagushira ahantu hagutse, hatagira inkomanzi+,imeza yawe ikayuzuza ibifungurwa vyizavyiza kugira iguhoze+. 17  Uzoheza uhimbarwe n’urubanza rw’ababisha+,nihagera ko rutangazwa, n’ubutungane bugakurikizwa. 18  Ariko wiyubare kugira ishavu ntiritume ukora ububisha*+,kandi ntureke ngo igiturire kinini kiguteshe inzira. 19  Mbega ugutabaza kwawecanke akigoro ugira vyotuma udashikirwa n’ivyago+? 20  Ntukipfuze ijoro,igihe abantu baba bakamanganye mu bibanza vyabo. 21  Uraba maso ntukore ikibi,ngo abe ari co uhitamwo aho kwemera amagorwa+. 22  Raba! Imana iri hejuru cane kubera ububasha bwayo.Ni nde mwigisha ameze nka yo? 23  Ni nde yoyirangira* inzira icamwo+,canke akayibwira ati: “Ivyo wakoze si vyo+”? 24  Wibuke guhayagiza ibikorwa vyayo+,ivyo abantu bahora baririmba+. 25  Abantu bose baravyihweza,bakabirabira kure. 26  Emwe, ntidushobora gutahura ububasha bw’Imana+.Nta woshobora kumenya* imyaka ifise+. 27  Iduza utumatuma tw’amazi+,igipfungu kigafatana kikavamwo imvura. 28  Ibicu biraheza bikayirekura+,maze igatonyangira ku bantu. 29  Ni nde yomenya ingene ibicu bikwiragira hose?Hari uwomenya ingene umuturagaro uva mw’ihema* ryayo+? 30  Raba ingene irabiriza umuravyo*+ kuri ryo,igapfuka ibwina* mu kiyaga. 31  Ivyo ni vyo ikoresha kugira abantu babandanye kubaho*.Ibaronsa ibifungurwa ku bwinshi+. 32  Ifata umuravyo mu kuboko kwayo,ikawutumbereza ku co ishaka+. 33  Umuturagaro wayo uramenyesha ko ije,mbere n’ibitungwa biratangaza uwuje uwo ari we*.

Utujambo tw'epfo

Hashobora kandi kuvugwa ngo «yicarika abami ku ntebe z’ubwami.»
Canke «ikirwanisho (ikirwanisho batera).»
Canke «abantu b’abahuni.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuhuni).
Mu giheburayo havuga ngo «mu bamaraya b’abagabo bo ku rusengero.» Raba Insiguro y’amajambo (Umumaraya).
Canke «ntiritume ukoma amashi kubera inzigo.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «yotora amahinyu», «yoyisaba gusigura.»
Canke «guserangura.»
Mu giheburayo havuga ngo «urusago.»
Mu giheburayo havuga ngo «isanza umuco.»
Mu giheburayo havuga ngo «imizi.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ikoresha mu kuburanira abantu.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ibigira bize.»