Yobu 7:1-21
7 Mbega ubuzima bw’umuntu kw’isi ntibwuzuyemwo umuruho,kandi imisi yiwe ntimeze nk’iy’umukozi w’umucangero+?
2 Aguma yipfuza agatutu nka kurya kw’umushumba,akaguma arindiriye impembo yiwe nk’umukozi w’umucangero+.
3 Nanje narazwe amezi atagira akamaro,mparurirwa amajoro yuzuyemwo ivyago+.
4 Iyo ndyamye, nca ntangura kwibaza nti: “Nzovyuka ryari+?”
Ijoro rimbera rirerire, nkaguma nigaragura bukarinda buca*.
5 Umubiri wanje wuzuyeko inyo n’ivyondo+.Urukoba rwanje rwuzuyeko ibisebe n’amashira+.
6 Imisi yanje inyaruka kurusha urushinge* rw’uwujisha impuzu+,ikarangira ata n’icizigiro mfise+.
7 Niwibuke ko ubuzima bwanje ari umuyaga+,ko amaso yanje ata munezero* azosubira kubona.
8 Ijisho ririko riranyitegereza ntirizosubira kumbona.Amaso yawe azondondera, ariko nzoba nigiriye+.
9 Nka kurya kw’igicu gitumuka kikazimangana,ni ko n’uwugiye mu kuzimu atagaruka+.
10 Ntazogaruka muhira iwe,aho yabaye ntihazoba hakimumenya+.
11 Ni co gituma ntazoreka kuvuga.
Nzovuga naho ntuntuye ku mutima.Nzokwiganyira naho ndundumiwe+!
12 Mbaye ikiyaga canke urukoko rwo mu mazi,ku buryo unshiriraho umurinzi?
13 Iyo mvuze nti: “Uburiri bwanje buzompoza,igitanda canje kizogabanya amaganya yanje”,
14 uca untera ubwoba biciye ku ndoto,ukanca ivutu biciye ku vyo nerekwa,
15 ku buryo nopfuma mpitamwo kunigwa,ngahitamwo urupfu hako mbaho muri uyu mubiri+.
16 Ubuzima bwanje buranshisha+, singishaka kubaho.
Nunyirekere, kuko imisi yanje itumuka nk’impemu+.
17 Umuntu buntu ni iki ku buryo umwitwararika,ukamugumizako umutima+?
18 Kubera iki umusuzuma buri gitondo,ukaguma umugeza umwanya wose+?
19 Aho ntiworeka kuguma unshinze ijisho,ukampa akanya ko kumira amate+?
20 Nimba naracumuye, bigutwaye iki wewe Musuzumyi w’abantu+?
Kuki untumberezako imyampi yawe?
Mbega nakubereye umuzigo?
21 Kuki utombabarira igicumuro canje,ukirengagiza ikosa ryanje?
Kuko ngira nipfire nisubirire mu mukungugu+,kandi uzondondera ariko ntuzombona.»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «gushika mu mutwenzi.»
^ Canke «agati.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «iciza.»