Yohani 2:1-25
2 Ku musi ugira gatatu, hari urubanza rw’ubugeni i Kana muri Galilaya, kandi na nyina wa Yezu ni ho yari.
2 Yezu n’abigishwa biwe na bo nyene bari batumiwe kuri urwo rubanza.
3 Umuvinyu ubaye muke, nyina wa Yezu aca amubwira ati: «Nta muvinyu bafise.»
4 Yezu amwishura ati: «Ivyo biraturaba twe nawe ga wa mugore*? Igihe canje ntikiragera.»
5 Nyina wiwe aca abwira abasereva ati: «Ico ababwira cose mugikore.»
6 Ico gihe hari imibindi itandatu y’amazi ikozwe mu mabuye iteretse ng’aho, nk’uko vyasabwa n’amategeko y’Abayuda ajanye no kwityorora+. Umubindi umwumwe warashobora kujamwo ingero* zibiri canke zitatu.
7 Yezu aca ababwira ati: «Nimwuzuze amazi iyo mibindi.» Baca barayuzuza gushika no ku mbiga.
8 Araheza ababwira ati: «Nimudahe dukeyi, mushire uwuhagarikiye urubanza.» Baca baramushira.
9 Uwuhagarikiye urubanza aca ahonja ayo mazi yahindutse umuvinyu. Ntiyari azi iyo uwo muvinyu wavuye, mugabo abasuku bavomye ya mazi bari bahazi. Uwuhagarikiye urubanza aca ahamagara umukwe,
10 amubwira ati: «Abandi bose babanza gutereka umuvinyu uryoshe, hanyuma abantu bamaze kuborerwa bagatereka umuvinyu ubayabaye. Ariko wewe wabitse umuvinyu uryoshe gushika ubu.»
11 Ivyo Yezu yabikoreye i Kana muri Galilaya, biba intango y’ibitangaro vyiwe. Ukwo ni ko yerekanye ububasha* bwiwe+, bica bituma abigishwa biwe bamwizera.
12 Inyuma y’ivyo, we na nyina wiwe, benewabo+ hamwe n’abigishwa biwe baciye bamanuka i Kaperinawumu+, ariko ntibamazeyo imisi myinshi.
13 Ico gihe Pasika+ y’Abayuda yari yegereje, Yezu aca aduga i Yeruzalemu.
14 Yinjiye mu rusengero, asangayo abariko baragurisha inka, intama n’inuma+ hamwe n’abavunjayi bicaye mu bibanza vyabo.
15 Amaze gutsiba imigozi akayigira nk’ikimoko, aca yirukana abantu bose mu rusengero, bagenda bajanye n’intama zabo n’inka zabo. Asanzaza ibiceri vy’abavunjayi yongera atembagaza imeza zabo+.
16 Abwira abariko baragurisha inuma ati: «Kura ivyo bintu ng’aha! Nimureke guhindura inzu ya Dawe isoko*+!»
17 Abigishwa biwe baca bibuka ko handitswe ngo: «Umwete w’inzu yawe uzondurumbamwo+.»
18 Abayuda baca bamubaza bati: «Wotwereka igitangaro kitwemeza+ ko ufise ububasha bwo gukora ivyo bintu?»
19 Yezu abishura ati: «Nimusambure uru rusengero, nanje nce ndarwubaka mu misi itatu+.»
20 Abayuda baca bamubwira bati: «Uru rusengero rwubatswe mu myaka 46, nawe ngo uzorwubaka mu misi itatu?»
21 Ariko urusengero yariko aravuga wari umubiri wiwe+.
22 Igihe rero yazurwa mu bapfuye, abigishwa biwe baciye bibuka ko yakunda kubivuga+. Baraheza bizigira icanditswe n’ivyo Yezu yari yaravuze.
23 Ariko igihe yari i Yeruzalemu ku musi mukuru wa Pasika, abantu benshi barizeye izina ryiwe babonye ibitangaro yariko arakora.
24 Mugabo Yezu ntiyabizigira, kubera yari abazi bose
25 no kubera atari akeneye ko hagira uwumusigurira ivyerekeye abantu, kuko yari azi ikiri mu muntu+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «mpuriye ku ki nawe ga wa mugore?» Mu kigiriki, iyo ni imvugo ikoreshwa mu guhakana. Iryo jambo «umugore» ntiryerekana ko ata rupfasoni rurimwo.
^ Birashoboka ko zari ingero za bati. Bati imwe yangana n’amalitiro 22. Raba Inyongera ya B14.
^ Canke «ubuninahazwa.»
^ Canke «inzu y’urudandaza.»