Yona 1:1-17

  • Yona agerageza guhunga Yehova (1-3)

  • Yehova atuma haba igihuhusi gikomeye (4-6)

  • Yona ni we ntandaro ya vyose (7-13)

  • Yona atererwa mu kiyaga casaze (14-16)

  • Urufi runini rumira Yona (17)

1  Yehova abwira Yona*+ mwene Amitayi ati:  «Haguruka uje i Ninewe+ ca gisagara gikomeye, utangaze urubanza caciriwe kuko numvise ububisha bw’abahaba.»  Ariko Yona arahaguruka, agerageza kuja i Tarushishi ngo ahunge Yehova. Amanuka i Yopa, abona ubwato* buja i Tarushishi. Nuko ariha itike, yurira ubwato kugira ajane n’abari muri bwo i Tarushishi, kure ya Yehova.  Maze Yehova arekurira umuyaga ukomeye ku kiyaga, haba igihuhusi gikomeye ku buryo ubwato buhakwa gusaba.  Abagendesha ubwato bagira ubwoba bwinshi ku buryo umwe wese atangura gutabaza imana yiwe. Batangura guterera mu kiyaga ibintu vyari mu bwato kugira buremuruke+. Mugabo Yona yari yamanutse mu gice co hasi ca nya bwato*, araryama, arasinzira ubutikoma.  Umukapitene wa nya bwato aramwegera, amubwira ati: «Kubera iki uryamye? Haguruka wambaze imana yawe! Hari aho Imana y’ukuri yotwitaho ntiduhone+  Maze babwirana bati: «Reka dukoreshe ubupfindo+, kugira tumenye uwutumye dushikirwa n’ibi vyago.» Nuko bakoresha ubupfindo, bugwa kuri Yona+.  Bamubwira bati: «Turakwinginze utubwire uwutumye dushikirwa n’ibi vyago. Ukora iki? Uri uwa he? Uva mu kihe gihugu? Uva mw’ihanga irihe?»  Yishura ati: «Ndi Umuheburayo. Nsenga* Yehova Imana yo mw’ijuru yaremye* ikiyaga n’isi yumutse.» 10  Nya bantu baca barushiriza kugira ubwoba, bamubaza bati: «Ivyo wakoze ni ibiki?» (Abo bantu bari bamenye yuko yariko arahunga Yehova, kuko yari yabibabwiye.) 11  Baca bamubwira bati: «Tukugire gute ngo ikiyaga kitureke, gihwame?» Ivyo babivuze kuko ikiyaga caguma kirushiriza gusara. 12  Yishura ati: «Nimunterure munterere mu kiyaga. Gica kibareka, gihwame. Ndazi yuko iki gihuhusi gikomeye kibateye kubera jewe.» 13  Mugabo nya bantu bagerageza gusoza cane* ngo bagarukane ubwo bwato i musozi, ariko biranka kuko ikiyaga barimwo caguma kirushiriza gusara. 14  Nuko bambaza Yehova bati: «Ewe Yehova, turakwinginze ntiduhone kubera uyu muntu! Ewe Yehova, ntuduharureko amaraso y’intungane, kuko ibi vyose ari wewe washimye ko biba!» 15  Maze baterura Yona, bamuta mu kiyaga, uburake bwaco buca burahwama. 16  Nya bantu baca batinya cane Yehova+, bashikanira Yehova ikimazi bongera bagira indagano. 17  Yehova aca arungika urufi runini ngo rumire Yona, maze Yona amara imisi itatu n’amajoro atatu mu nda ya nya rufi+.

Utujambo tw'epfo

Iryo zina risobanura ngo «inuma.»
Canke «imeri.» Imeri ni ubwato bunini.
Canke «ca nya bwato bufise idari.»
Mu giheburayo havuga ngo «ntinya.»
Mu giheburayo havuga ngo «yahinguye.»
Canke «bagerageza guca inzira.»