Yona 4:1-11

  • Yona ashavura akipfuza gupfa (1-3)

  • Yehova yigisha Yona kugira imbabazi (4-11)

    • «Aho vy’ukuri wari ukwiye gushavura gutyo?» (4)

    • Akoresha umutanga mu kumwigisha (6-10)

4  Ariko ivyo bibabaza cane Yona, aca arurumba ishavu.  Asenga rero Yehova ati: «Ewe Yehova, erega nari nzi ko ari ko vyogenze nkiri mu gihugu iwacu. Ni co gituma mu ntango narondeye guhungira i Tarushishi+. Erega nari nzi ko uri Imana y’impuhwe* n’imbabazi, iteba gushavura kandi yuzuye urukundo*+, ibabazwa n’ivyago.  None rero Yehova, ndakwinginze unkureho, kuko nopfuma nipfira hako mbaho+  Yehova amubaza ati: «Aho vy’ukuri wari ukwiye gushavura gutyo?»  Maze Yona ava mu gisagara, aja kwicara mu buseruko bwaco. Yiyubakira ubwugamo, yicara mu gitutu cabwo kugira arabe ibishikira ico gisagara+.  Nuko Yehova Imana ameza umutanga* hejuru ya Yona ngo habe igitutu hejuru y’umutwe wiwe, kugira aronke agahengwe. Yona aca aranezerwa cane kubera uwo mutanga.  Mugabo ku musi ukurikira mu mutwenzi, Imana y’ukuri irungika urunyo. Maze rurya uwo mutanga uruma.  Izuba rirashe, Imana irungika kandi umuyaga wo mu buseruko uturira, maze izuba rikubita Yona mu mutwe, amera nk’uwugira arabe. Aguma yisabira gupfa. Yavuga ati: «Nopfuma nipfira hako mbaho+  Imana ibaza Yona iti: «Aho vy’ukuri wari ukwiye gushavura ukuraho kubera uwo mutanga+ Na we avuga ati: «Vyari bikwiriye ko nshavura cane ku buryo mbere nipfuza gupfa.» 10  Ariko Yehova avuga ati: «Wumviye akagongwe umutanga utakoreye canke ngo umeze. Wameze mw’ijoro rimwe kandi wuma mw’ijoro rimwe. 11  None jeho, sinari nkwiye kwumvira akagongwe Ninewe, ico gisagara gikomeye+ kirimwo abantu barenga 120.000 batazi gutandukanya iciza n’ikibi*, be n’ibitungwa vyabo vyinshi+

Utujambo tw'epfo

Canke «ubuntu.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ikibonobono.»
Canke «ukuryo n’ukubamfu.»