Yosuwa 10:1-43

  • Abisirayeli batabara Gibeyoni (1-7)

  • Yehova arwanira Abisirayeli (8-15)

    • Iminana y’urubura igwa ku bansi (11)

    • Izuba rihagarara (12-14)

  • Abami batanu bari bateye bicwa (16-28)

  • Abisirayeli bafata ibisagara mu bumanuko (29-43)

10  Nuko Adonisedeki umwami wa Yeruzalemu yumva ko Yosuwa yari yafashe Ayi arahatikiza be n’uko yari yagize ico gisagara n’umwami waco+ nk’uko yagize Yeriko n’umwami waho+. Yumva kandi ko Abanyagibeyoni bari bagiranye isezerano ry’amahoro n’Abisirayeli+ be n’uko bari basigaye babana na bo.  Akimara kuvyumva, agira ubwoba bwinshi+ kuko Gibeyoni cari igisagara gikomeye nka kimwe mu bisagara bitwarwa n’abami. Carasumba Ayi+ kandi abagabo baho bose bari bazi kurwana.  Adonisedeki umwami wa Yeruzalemu aca arungikira ubu butumwa Hohamu umwami wa Heburoni+, Piramu umwami wa Yarimuti, Yafiya umwami wa Lakishi na Debiri umwami wa Eguloni+ ati:  «Ingo mumfashe dutere Gibeyoni, kuko yagiranye isezerano ry’amahoro na Yosuwa n’Abisirayeli+  Nuko abo bami batanu b’Abamori+ bakoranira hamwe bari kumwe n’ingabo zabo, ni ukuvuga umwami wa Yeruzalemu, uwa Heburoni, uwa Yarimuti, uwa Lakishi n’uwa Eguloni. Baca baragenda bakambika hafi ya Gibeyoni kugira bahatere.  Maze abagabo b’i Gibeyoni barungikira ubutumwa Yosuwa kw’ikambi i Gilugali+ bati: «Ntuhebe abashumba bawe*+. Nyaruka udutabare, udufashe. Abami bose b’Abamori bo mu karere k’imisozi badukoraniye.»  Yosuwa aca ava i Gilugali, adugana n’abasoda biwe bose n’abarwanyi b’intwari+.  Yehova aca abwira Yosuwa ati: «Ntubatinye+, kuko nabaguhaye+. Nta n’umwe muri bo azogutsinda+  Nuko Yosuwa arara aragenda ijoro ryose avuye i Gilugali, maze abatera batiteguye. 10  Yehova atera uruhagarara mu Bamori, barahungabana imbere y’Abisirayeli+. Abisirayeli bica Abamori, inganda ziratikira i Gibeyoni. Barabakurikira baciye mu nzira iduga i Beti-Horoni, bagenda barabica gushika i Azeka n’i Makeda. 11  Bakiriko barahunga Abisirayeli ku mumanuko wa Beti-Horoni, Yehova abakororerako iminana y’urubura ivuye mu kirere, igenda irabagwako gushika i Azeka, bose barapfa. Abishwe n’urubura baba benshi kuruta abo Abisirayeli bicishije inkota. 12  Kuri uwo musi, Yehova atuma Abamori bahunga Abisirayeli. Ico gihe ni ho Yosuwa yabwira Yehova imbere y’Abisirayeli ati: «Zuba, hagarara+ hejuru ya Gibeyoni+,nawe kwezi, hagarara hejuru y’ikiyaya ca Ayaloni.» 13  Nuko izuba riguma rihagaze, n’ukwezi ntikwava aho kuri, gushika iryo hanga ryihoye abansi baryo. Ivyo biranditswe mu gitabu ca Yashari+. Izuba rero riguma rihagaze hagati mu kirere hafi umusi wose, ntiryihutira kurenga. 14  Haba imbere y’aho canke inyuma y’aho, nta musi nk’uwo wigeze ubaho aho Yehova yumvirije ijwi ry’umuntu+ muri ubwo buryo. Yehova yabigize kubera yariko arwanira Isirayeli+. 15  Inyuma y’ivyo, Yosuwa n’Abisirayeli bose basubira kw’ikambi i Gilugali+. 16  Nayo ba bami batanu, bari bahunze baja kwinyegeza mw’isenga i Makeda+. 17  Yosuwa rero amenyeshwa ko abo bami batanu babasanze binyegeje mw’isenga i Makeda+. 18  Yosuwa aca avuga ati: «Nimutembagarize ibibuye bininibinini ku munwa w’iryo senga, muce muhashira abagabo babarinda. 19  Ariko abandi ntimuhagarare. Nimukurikire abansi banyu, mubatere mubaturutse inyuma+. Ntimubakundire kwinjira mu bisagara vyabo, kuko Yehova Imana yanyu yababahaye ngo mubatsinde.» 20  Nuko Yosuwa n’Abisirayeli bica Abamori, barabatikiza bimwe bikomeye. Abantu bakeyi gusa ni bo bacitse kw’icumu, baca bahungira mu bisagara bikingijwe ibihome. 21  Inyuma y’ivyo, abasoda bose bagaruka amahoro aho Yosuwa ari kw’ikambi i Makeda. Nta muntu n’umwe yabaye acubahuka kuvuga nabi* Abisirayeli. 22  Maze Yosuwa avuga ati: «Nimwugurure rya senga munzanire ba bami batanu.» 23  Bakura rero ba bami batanu mw’isenga, barabamuzanira. Ni bo b’aba: umwami wa Yeruzalemu, uwa Heburoni, uwa Yarimuti, uwa Lakishi n’uwa Eguloni+. 24  Bamaze kumuzanira abo bami, Yosuwa aca atumako abagabo bose bo muri Isirayeli maze abwira abakomanda bari bajanye na we ati: «Ingo muhonyore ku bikanu vy’aba bami.» Nuko baregera, babahonyora ku bikanu+. 25  Yosuwa aca ababwira ati: «Ntimutinye canke ngo muranduke umutima+. Nimugire umutima rugabo kandi mukomere, kuko uku ari ko Yehova azogira abansi bose muriko murarwanya+ 26  Maze Yosuwa arabica hanyuma abamanika ku biti bitanu. Baguma bamanitse gushika ku mugoroba. 27  Izuba rirenze, Yosuwa ategeka ko babamanura kuri nya biti+ bakabaterera muri rya senga bari binyegejemwo. Baca bashira ibibuye bininibinini ku munwa w’iryo senga, kandi ni ho bikiri gushika n’uyu musi. 28  Kuri uwo musi, Yosuwa afata igisagara ca Makeda+, abaho abicisha inkota. Yica umwami waho, atikiza n’abahaba bose, ntiyasigaza n’umwe+. Umwami wa Makeda+ amugira nk’uko yagize umwami wa Yeriko. 29  Hanyuma Yosuwa n’Abisirayeli bose bava i Makeda baja i Libuna+ maze barahatera. 30  Yehova aha Abisirayeli intsinzi kuri ico gisagara n’umwami waho+, baragitikiza. Abaho bose babicisha inkota, ntibasigaza n’umwe. Umwami waho bamugira nk’uko bagize umwami wa Yeriko+. 31  Ubukurikira, Yosuwa n’Abisirayeli bose bava i Libuna baja i Lakishi+. Bashinga ikambi ng’aho maze barahatera. 32  Yehova afasha Abisirayeli gutsinda Lakishi, ico gisagara bagifata ku musi ugira kabiri. Baragitikiza, abaho bose babicisha inkota+ nk’uko babigize i Libuna. 33  Horamu umwami wa Gezeri+ aca aduga gutabara Lakishi, ariko Yosuwa amwicana n’ingabo ziwe, ntiyasigaza n’umwe. 34  Maze Yosuwa n’Abisirayeli bose bava i Lakishi baja i Eguloni+. Bashinga ikambi ng’aho maze barahatera. 35  Uwo musi nyene barahafata, abaho babicisha inkota. Batikiza abahaba bose kuri uwo musi, nk’uko babigize i Lakishi+. 36  Yosuwa n’Abisirayeli bose baca bava i Eguloni baduga i Heburoni+ maze barahatera. 37  Bafata ico gisagara baragitikiza. Bicisha inkota abakibamwo, umwami waho n’ababa mu bisagara bihakikuje, ntibasigaza n’umwe. Yosuwa arahatikiza n’abaho bose, ahagira nk’uko yagize Eguloni. 38  Ubwa nyuma, Yosuwa n’Abisirayeli bose barahindukira, berekeza i Debiri+ maze barahatera. 39  Afata ico gisagara n’umwami waho n’ibisagara bihakikuje. Abahaba bose babicisha inkota, barabatikiza+ ntihasigara n’umwe+. Yosuwa agira Debiri n’umwami waho nk’uko yagize Heburoni na Libuna hamwe n’umwami waho. 40  Yosuwa afata igihugu cose, ni ukuvuga akarere k’imisozi, aka Negebu, aka Shefela+, n’imisozi ihanamye n’abami baho bose. Ntiyasigaza umuntu n’umwe. Atikiza igihumeka cose+, nk’uko Yehova Imana ya Isirayeli yari yarabitegetse+. 41  Yosuwa afata akarere kava i Kadeshi-Baruneya+ kagashika i Gaza+, n’igihugu cose ca Gosheni+ gushika i Gibeyoni+. 42  Nuko Yosuwa atsinda abo bami bose, afata n’igihugu cabo mu kiringo kimwe, kuko Yehova Imana ya Isirayeli ari we yarwanira Isirayeli+. 43  Inyuma y’ivyo, Yosuwa n’Abisirayeli bose basubira kw’ikambi i Gilugali+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «ntukure amaboko ku bashumba bawe.»
Mu giheburayo havuga ngo «gukarisha ururimi rwiwe ngo arwanye.»