Yosuwa 17:1-18
17 Maze umuryango wa Manase+, ari we mfura ya Yozefu+, uronka akarere biciye ku bupfindo+. Makiri+ imfura ya Manase akaba na se wa Gileyadi yari umugabo azi kurwana. Yahawe akarere ka Gileyadi n’aka Bashani+.
2 Abasigaye mu bakomoka kuri Manase na bo baronka akarere biciye ku bupfindo, hakurikijwe imiryango yabo. Haronse bene Abiyezeri+, bene Heleki, bene Asiriyeli, bene Shekemu, bene Heferi na bene Shemida. Abo ni bo bagabo bakomoka kuri Manase mwene Yozefu, hakurikijwe imiryango yabo+.
3 Ariko Zelofehadi+ mwene Heferi, Heferi mwene Gileyadi, Gileyadi mwene Makiri, Makiri mwene Manase, nta bahungu yari afise. Yari afise abakobwa gusa. Abo bakobwa bitwa Mahila, Nowa, Hogula, Milika na Tiruza.
4 Baza imbere y’umuherezi Eleyazari+ na Yosuwa mwene Nuni n’abakuru, bababwira bati: «Yehova yategetse Musa kuduha intoranwa muri benewacu+.» Nuko baronka intoranwa cokimwe na benewabo na se, nk’uko Yehova yabitegetse+.
5 Umuryango wa Manase uronka n’iyindi migabane cumi yiyongera ku karere ka Gileyadi na Bashani vyari hakurya ya Yorodani*+.
6 Wayironse kubera ko n’abakobwa bo mu muryango wa Manase batoranye cokimwe n’abahungu bo muri uwo muryango, akarere ka Gileyadi na ko kagahabwa abasigaye mu bakomoka kuri Manase.
7 Urubibe rw’akarere ka Manase rwahera ku mupaka w’akarere ka Asheri rukagenda rwerekeza i Mikimetati+, aharabana na Shekemu+. Rwaca rubandanya mu bumanuko* rugashika ku karere k’ababa i Eni-Tapuwa.
8 Akarere ka Tapuwa+ kegukira bene Manase, mugabo igisagara ca Tapuwa kiri ku rubibe rw’akarere ka Manase cegukira abakomoka kuri Efurayimu.
9 Urwo rubibe rwaramanuka ku mwonga wa Kana mu bumanuko bwawo. Mu bisagara vya bene Manase harimwo ibisagara vyegukira Abefurayimu+. Urubibe rw’akarere ka Manase rwari mu buraruko bw’uwo mwonga, rukagarukira ku kiyaga+.
10 Igice co mu bumanuko cari ic’Abefurayimu, ico mu buraruko kikaba ica bene Manase. Ikiyaga ni co cari urubibe rwa bene Manase+. Mu buraruko bahana* urubibe na bene Asheri, mu buseruko na ho bagahana urubibe na bene Isakari.
11 Mu karere ka Isakari n’aka Asheri, bene Manase baronse Beti-Sheyani n’udusagara tuhegukira*, Ibuleyamu+ n’udusagara tuhegukira na Dori+ n’ababayo n’udusagara tuhegukira. Baronse na Eni-Dori+ n’ababayo n’udusagara tuhegukira, Tanaki+ n’ababayo n’udusagara tuhegukira, na Megido n’ababayo n’udusagara tuhegukira, ibisagara bitatu biri mu misozi.
12 Ariko abakomoka kuri Manase ntibashoboye kwigarurira ivyo bisagara. Abanyakanani baranse kuhava, baguma baba muri ico gihugu+.
13 Abisirayeli bamaze gukomera, baciye bakoresha Abanyakanani ibikorwa vy’agahato+, ariko ntibabomoye bose+.
14 Abakomoka kuri Yozefu babaza Yosuwa bati: «Kubera iki waduhaye* akarere kamwe gusa+ ngo kabe intoranwa yacu? Erega turi benshi cane, kuko Yehova yagumye aduhezagira+.»
15 Yosuwa aca abishura ati: «Nimba muri benshi cane, akarere k’imisozi ka Efurayimu+ kakaba ari gatoyi cane kuri mwebwe, nimuduge mu kibira murabe aho mutema mu gihugu c’Abaperizi+ n’Abarefayimu+.»
16 Abakomoka kuri Yozefu bamwishura bati: «Akarere k’imisozi ntikadukwiye, kandi Abanyakanani baba mu kiyaya, ab’i Beti-Sheyani+ n’udusagara tuhegukira* hamwe n’abo mu kiyaya ca Yezireli+, bose bafise imikogote y’intambara+ iriko ibibugita ku mapine*.»
17 Yosuwa aca abwira abakomoka kuri Yozefu, ni ukuvuga Abefurayimu na bene Manase ati: «Muri benshi cane kandi murakomeye cane. Ntimuzoronka akarere kamwe gusa+,
18 muzoronka n’akarere k’imisozi+. Naho hari ikibira, muzohatema kandi ni ho akarere kanyu kazogarukira. Muzokwomora Abanyakanani naho bakomeye bakagira n’imikogote y’intambara iriko ibibugita ku mapine*+.»
Utujambo tw'epfo
^ Ni ukuvuga mu buseruko wa Yorodani.
^ Mu giheburayo havuga ngo «iburyo.»
^ Canke «akarere ka Manase kahana.»
^ Canke «tuhakikuje.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «wampaye.»
^ Canke «tuhakikuje.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «imikogote y’ivyuma.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «imikogote y’ivyuma.»