Yosuwa 20:1-9

  • Ibisagara vy’ubuhungiro (1-9)

20  Maze Yehova abwira Yosuwa ati:  «Bwira Abisirayeli uti: “Nimwitorere vya bisagara vy’ubuhungiro+ nababwiye biciye kuri Musa,  kugira ngo uwishe umuntu atabishaka canke biturutse kw’isanganya ahungireyo. Ni ho muzohungira uwuhora amaraso y’uwishwe+.  Uwishe umuntu aze ahungire muri kimwe muri ivyo bisagara+, ahagarare kw’irembo ryaco+ maze ashikirize ikibazo ciwe abashingantahe b’ico gisagara. Baze bamwakire mu gisagara, bamuhe aho kuba, abane na bo.  Uwuhora amaraso y’uwishwe niyamwoma inyuma, ntibaze rero bamumuhe kuko yishe mugenziwe biturutse kw’isanganya kandi akaba atari asanzwe amwanka+.  Uwo yishe umuntu aze abe muri ico gisagara gushika arengutse imbere y’ishengero*+ ngo acirwe urubanza, kandi aze agumeyo gushika umuherezi mukuru azoba ariho ico gihe apfuye+. Azoheza rero asubire mu gisagara yahunze avamwo, aje mu rugo iwe+.”»  Nuko batora ibisagara bikurikira*: igisagara ca Kedeshi+ kiri i Galilaya mu karere k’imisozi ka Nafutali, ica Shekemu+ kiri mu karere k’imisozi ka Efurayimu, n’ica Kiriyati-Aruba+, ari co Heburoni, kiri mu karere k’imisozi ka Yuda.  Mu karere ka Yorodani, mu buseruko bwa Yeriko, batora igisagara ca Bezeri+ mu bugaragwa buri ku mataba yo mu karere k’umuryango wa Rubeni. Batora n’igisagara ca Ramoti+ kiri i Gileyadi mu karere k’umuryango wa Gadi, be n’igisagara ca Golani+ kiri muri Bashani mu karere k’umuryango wa Manase+.  Ivyo ni vyo bisagara vyashiriweho Abisirayeli bose n’abanyamahanga baba muri bo. Babishizeho kugira ngo uwo wese yishe umuntu atabishaka ahungireyo+, ntahave yicwa n’uwuhora amaraso y’uwishwe, atararenguka imbere y’ishengero ngo bamucire urubanza+.

Utujambo tw'epfo

Ni ukuvuga imbere y’abaserukira ishengero.
Canke «ibisagara bikurikira babigira vyeranda.»