Yosuwa 4:1-24

  • Amabuye y’icibutso (1-24)

4  Ihanga ryose rikirangiza kujabuka Yorodani, Yehova abwira Yosuwa ati:  «Tora abagabo 12 mu Bisirayeli, umugabo umwumwe ku muryango+,  ubategeke uti: “Nimutore amabuye 12 hagati muri Yorodani, aho abaherezi bahagaze badakoma+ maze muyajane muyatereke aho muza kurara iri joro+.”»  Yosuwa ahamagara rero abagabo 12 yari yahisemwo mu Bisirayeli, umugabo umwumwe ku muryango  maze ababwira ati: «Nimuje hagati muri Yorodani imbere y’isandugu ya Yehova Imana yanyu. Umwe wese muri mwebwe ace atora ibuye maze arishire ku rutugu. Mutore amabuye angana n’igitigiri c’imiryango y’Abisirayeli.  Ayo mabuye azobibutsa ivyo Imana yakoze*. Mu nyuma abana* banyu nibababaza bati: “Kubera iki mwashize aya mabuye ng’aha+?”,  muze mubishure muti: “Ni kubera yuko amazi ya Yorodani yahagaze imbere y’isandugu+ y’isezerano rya Yehova. Igihe isandugu yajabuka Yorodani, amazi ya Yorodani yaciye areka gutemba. Aya mabuye azobera icibutso Abisirayeli imyaka yose+.”»  Abisirayeli rero bakora nk’uko Yosuwa yabategetse. Batora hagati muri Yorodani amabuye 12 ahuye n’igitigiri c’imiryango y’Abisirayeli, nk’uko Yehova yari yabibwiye Yosuwa maze bayatwara aho bari kurara iryo joro, bayaterekaho.  Yosuwa na we nyene ashinga amabuye 12 hagati muri Yorodani, aho abaherezi bareruye isandugu y’isezerano bari bahagaze+. Ayo mabuye ni ho akiri gushika n’uyu musi. 10  Nya baherezi bareruye isandugu baguma bahagaze hagati muri Yorodani gushika ivyo Yehova yari yategetse Yosuwa kubwira abantu vyose birangiye. Nuko Abisirayeli babikora bakurikije ivyo Musa yari yarategetse Yosuwa vyose. Muri uwo mwanya, abantu bariko bihutira kujabuka. 11  Abantu bose barangije kujabuka, abaherezi bareruye isandugu ya Yehova na bo barajabuka, abantu bose babitegereza+. 12  Abarubeni, Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase bajabutse biteguriye urugamba+, bajabuka imbere y’abandi Bisirayeli nk’uko Musa yari yarababwiye+. 13  Nuko ingabo nka 40.000 zitwaje ibirwanisho zirajabuka ziciye imbere ya Yehova, zija mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Yeriko. 14  Kuri uwo musi, Yehova agira Yosuwa umuntu akomeye imbere y’Abisirayeli bose+, maze baramwubaha cane* ubuzima bwiwe bwose, nk’uko bamye bubaha Musa+. 15  Maze Yehova abwira Yosuwa ati: 16  «Tegeka abaherezi bareruye isandugu+ irimwo ibisate vy’amategeko* bave muri Yorodani.» 17  Yosuwa aca ategeka nya baherezi ati: «Nimuve muri Yorodani.» 18  Abaherezi bareruye isandugu+ y’isezerano rya Yehova bakimara kuva hagati muri Yorodani bagahonyora ahumutse, amazi ya Yorodani aca asubira gutemba, yongera kurenga inkombe+ nk’uko yahora. 19  Abantu bajabutse Yorodani ku musi ugira cumi w’ukwezi kwa mbere, maze bakambika i Gilugali+ ku rubibe rwo mu buseruko bwa Yeriko. 20  Nayo ya mabuye 12 bari bakuye muri Yorodani, Yosuwa ayashinga i Gilugali+. 21  Hanyuma abwira Abisirayeli ati: «Muri kazoza, abana banyu nibababaza* bati: “Aya mabuye asobanura iki+?”, 22  muze mubasigurire muti: “Abisirayeli bajabutse Yorodani baciye kw’isi yumutse+. 23  Ico gihe Yehova Imana yanyu yarakamije amazi ya Yorodani imbere yabo gushika bahejeje kujabuka. Ukwo nyene ni ko Yehova Imana yanyu yabigize ku kiyaga Gitukura, igihe yagikamya imbere yacu gushika duhejeje kujabuka+. 24  Yabikoze kugira ngo amahanga yose yo kw’isi amenye ko ukuboko kwa Yehova gukomeye+ no kugira ngo mwame mutinya Yehova Imana yanyu.”»

Utujambo tw'epfo

Canke «azobabera ikimenyetso.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Mu giheburayo havuga ngo «baramutinya.»
Ni ukuvuga isandugu y’isezerano.
Mu giheburayo havuga ngo «nibabaza ba se.»