Yosuwa 5:1-15

  • Abisirayeli bagenyerwa i Gilugali (1-9)

  • Bahimbaza Pasika. Manu ntiyasubiye kuboneka (10-12)

  • Umukuru w’ingabo za Yehova (13-15)

5  Abami bose b’Abamori+ bo mu burengero bwa Yorodani* n’abami bose b’Abanyakanani+ b’iruhande y’ikiyaga, bakimara kwumva ko Yehova yakamije amazi ya Yorodani imbere y’Abisirayeli gushika bajabutse, imitima ibavamwo*+. Bacika intege* kubera Abisirayeli+.  Ico gihe Yehova abwira Yosuwa ati: «Nukore imbugita mw’ibuye ry’isare, ugenyere*+ Abisirayeli ubugira kabiri.»  Nuko Yosuwa akora izo mbugita mw’ibuye ry’isare, agenyera Abisirayeli i Gibeyati-Araloti*+.  Iki ni co catumye Yosuwa abagenyera: abantu bose b’igitsina-gabo bavuye mu Misiri, ni ukuvuga abaja mu rugamba* bose, bari bapfiriye mu bugaragwa mu rugendo bagize bavuye mu Misiri+.  Abavuye mu Misiri bose bari baragenyerewe, mugabo abavukiye mu bugaragwa bose mu rugendo bagize bavuye mu Misiri ntibari bwagenyerwe.  Abisirayeli bari bamaze imyaka 40+ bagendagenda mu bugaragwa, gushika ihanga ryose rihonye, ni ukuvuga abaja mu rugamba bavuye mu Misiri batumviye Yehova+. Yehova yari yarabarahiye ko atobaretse ngo babone igihugu+ Yehova yari yararahiye ba sekuruza ko azokiduha+, igihugu gitemba amata n’ubuki+.  Yaciye abasubiriza abahungu babo+. Abo ni bo Yosuwa yagenyereye, kuko batigeze bagenyerwa igihe bari ku rugendo.  Abagabo bose bamaze kugenyerwa, Abisirayeli baguma aho bakambitse gushika bakize.  Maze Yehova abwira Yosuwa ati: «Uyu musi ndabakuyeko* akagaye* k’Abanyamisiri.» Aho hantu rero baca bahita Gilugali*+ gushika n’uyu musi. 10  Abisirayeli baguma bakambitse i Gilugali, maze ku musi ugira 14 w’ukwezi kwa mbere+ ku mugoroba, bahimbaza Pasika* mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Yeriko. 11  Bukeye baraye bahimbaje Pasika, kuri uwo musi nyene batangura kurya ivyo bimbuye muri ico gihugu, barya udutsima tutarimwo umwambiro+ n’intete zikaranze. 12  Bamaze kurya ivyo bimbuye muri ico gihugu, bukeye bwaho manu ntiyasubira kuboneka. Abisirayeli ntibongera kuronka manu+, mugabo batangura kurya ivyo bimbuye mu gihugu ca Kanani muri uwo mwaka+. 13  Nuko Yosuwa ari hafi ya Yeriko, arunamura amaso maze abona umugabo+ ahagaze imbere yiwe, yasokoye inkota ayifise mu kuboko+. Yosuwa aca aja iyo ari amubaza ati: «Uri ku ruhande rwacu canke uri ku ruhande rw’abaturwanya?» 14  Nya mugabo amwishura ati: «Oya, ahubwo nje nk’umukuru* w’ingabo za Yehova+.» Yosuwa aca aramwunamira, mu maso hiwe hashika hasi, amubaza ati: «Databuja, ni igiki wipfuza kumbwira jewe umusavyi wiwe?» 15  Nya mukuru w’ingabo za Yehova amwishura ati: «Kura ibirato*, kuko ahantu uhagaze ari heranda.» Yosuwa aca arabikura+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «ku ruhande rwa Yorodani ruri amaja ku kiyaga.»
Mu giheburayo havuga ngo «imitima yabo yaciye ishonga.»
Mu giheburayo havuga ngo «nta mpwemu zari zikiri muri bo.»
Hari abavyita «gusiramura» canke «gukebwa.» Raba Insiguro y’amajambo (Kugenyera).
Iryo zina risobanura ngo «agasozi k’udushato tw’abagenyerewe.»
Canke «abari bafise imyaka yo kuja mu gisoda.»
Mu giheburayo havuga ngo «ntembagaje.»
Canke «agacokoro», «iceyi.»
Iryo zina risobanura ngo «gutembagaza» canke «gutembagariza kure.»
Canke «umuganwa.»
Canke «isandari.»