Ikete rya Yuda 1:1-25

  • Indamutso (1, 2)

  • Abigisha b’ikinyoma bategerezwa gucirwa urubanza (3-16)

    • Mikayeli aharira na Shetani (9)

    • Ubuhanuzi bwa Henoki (14, 15)

  • Nimugume mu rukundo rw’Imana (17-23)

  • Imana nihabwe ubuninahazwa (24, 25)

 Jewe Yuda, umushumba wa Yezu Kristu nkaba na mwenewabo na Yakobo+, ndabandikiye mwebwe abo Imana Data yahamagaye+ kandi ikunda ikongera ikabazigama kugira mwifatanye na Yezu Kristu+:  Ese imbabazi, amahoro n’urukundo vyokwongerekana muri mwebwe!  Bavukanyi nkunda, naho nari nshashaye kubandikira ku bijanye n’ubukiriro dusangiye+, nsanze nyabuna bikenewe ko ndabandikira kugira ndabahimirize kurwana intambara ikomeye y’ukwizera+, kumwe kwahabwa aberanda rimwe rizima.  Ivyo ndabitumwe n’uko hari abantu bamwebamwe Ivyanditswe vyamaze gucira urubanza kuva kera, bisobetse muri mwebwe. Ni abantu batubaha Imana, bitwaza ubuntu buhebuje* bw’Imana yacu kugira bagendere mu nyifato iteye isoni kandi y’akagagazo*+, bagahemukira Databuja wacu umwe rudende, akaba n’Umukama wacu Yezu Kristu+.  Naho musanzwe mubizi neza, nagira ndabibutse ibintu bimwebimwe: Yehova* amaze kurokora ihanga akarikura mu Misiri+, mu nyuma yaratikije abatagaragaje ukwizera+.  N’abamarayika batagumye mu kibanza cabo mugabo bagaheba aho basanzwe baba+, yarababoshe n’iminyororo idacika mu mwiza w’umuzitanya, ababikira urubanza rwo kuri wa musi uhambaye+.  Sodomu na Gomora hamwe n’ibisagara bihakikuje, na vyo nyene vyarahawe igihano c’umuriro utazima+ kubera vyisutse mu busambanyi* bw’agahomerabunwa, vyongera birahaza ivyipfuzo vy’umubiri mu gukora ibintu bidakorwa+. Ni co gituma vyashizwe imbere yacu ngo bibe akarorero katuburira.  Naho ari ukwo, abo bantu na bo nyene baguma biyumvira ibintu bibi, bagahumanya imibiri yabo, bagasuzugura ubukuru kandi bakavuga nabi abo Imana yateye iteka+.  Mugabo igihe Mikayeli+ wa mumarayika mukuru+ yagiranira amatati na Shetani* baharira ku kiziga ca Musa+, ntiyubahutse kumucira urubanza mu kumutuka+, ahubwo yamubwiye ati: «Yehova* nagucire urubanza*+ 10  Mugabo abo bantu baravuga nabi ibintu vyose badatahura vy’ukuri+. Mbere n’ivyo batahura*, nka kurya kw’ibikoko bitagira ubwenge+, babandanya kwihumanya mu kubikora. 11  Baragowe, kuko bakurikiye akarorero ka Kayini+, bakirukira inzira Balamu yazimiriyemwo+ barondera impembo, kandi baratikiye kubera amajambo yo kugarariza+ nka kumwe kwa Kora+. 12  Abo ni ibitandara vy’amabuye vyinyegeje munsi y’amazi igihe basangira namwe mu misi mikuru* yanyu+, ni abungere bigaburira ata bwoba+, ni ibicu bitagira amazi bitwarwa n’umuyaga irya n’ino+, ni ibiti bitagirako ivyamwa mu gihe c’ukwama*, vyapfuye kabiri* kandi bikarandurwa. 13  Ni imipfunda y’ikiyaga isaragurika, isuka ifuro ry’ibintu vyabo biteye isoni+. Ni inyenyeri zitagira inzira zagenewe, zabikiwe umwiza w’umuzitanya ibihe vyose+. 14  Emwe na Henoki+, uwugira indwi uvuye kuri Adamu, na we nyene yaravuze ubuhanuzi ku biberekeye igihe yagira ati: «Ehe Yehova* yaje azananye n’abamarayika biwe beranda ibihumbi n’ibihumbi*+, 15  kugira ashitse urubanza kuri bose+ no kugira akubite intahe mu gahanga abantu bose batubaha Imana, kubera ibibi vyose bakoze no kubera ibintu vyose vy’agahomerabunwa abacumuzi batubaha Imana bayivuzeko+ 16  Abo bantu baridodomba+, ntibabumbwa n’ivyo bafise kandi baguma barondera guhaza ivyipfuzo vyabo+. Barihayagiza birenze n’akanwa kabo, bakongera bagasiga abandi inkore ku maso* barondera inyungu zabo+. 17  Ariko mweho bavukanyi nkunda, mwibuke amajambo intumwa z’Umukama wacu Yezu Kristu zavuze kera*, 18  ingene bahora bababwira bati: «Mu gihe ca nyuma hazokwaduka abacokoranyi barondera guhaza ivyipfuzo vyabo bibi+ 19  Abo ni bo bazana amacakubiri+, abantu bigenza nk’ibikoko*, batayoborwa n’impwemu y’Imana*. 20  Mugabo mwebwe bavukanyi nkunda, nimwikomeze biciye ku kwizera kwanyu kweranda cane, kandi musenge muyobowe n’impwemu nyeranda+, 21  kugira mugume mu rukundo rw’Imana+, mu kurindira ko imbabazi z’Umukama wacu Yezu Kristu zibashikana ku buzima budahera+. 22  Vyongeye, nimubandanye kugirira imbabazi+ abantu bakekeranya+, 23  mubakize+ mu kubashikura mu muriro. Ariko mubandanye kugirira abandi imbabazi, mubigire mutinya, mbere mushishwe n’impuzu yabo yandujwe n’umubiri+. 24  Imwe rero ishobora kubarinda gutsitara, ikabahagarika imbere y’ubuninahazwa bwayo mutagira akanenge*+ kandi mwuzuye umunezero, 25  ya Mana imwe gusa ikaba n’Umukiza wacu biciye kuri Yezu Kristu Umukama wacu, nihabwe ubuninahazwa, ubukuru, ubushobozi n’ububasha kuva ibihe bidahera, ubu no gushika ibihe bidahera. Amen.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki ni aselgeia. Raba Insiguro y’amajambo.
Mu kigiriki havuga ngo «na wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).
Canke «naguhambarire.»
Canke «n’ivyo batahura biciye kuri kameremere kabo.»
Canke «mu misi mikuru ya kivukanyi.»
Mu kigiriki havuga ngo «mu mpera y’agatasi.»
Canke «vyapfuye buhere.»
Canke «ibihumbi mirongo.»
Canke «bagatangarira abantu bamwebamwe.»
Canke «zavuze imbere y’igihe.»
Canke «baganzwa n’umubiri.»
Mu kigiriki havuga ngo «batagira impwemu.»
Canke «ikirabagu.»