Zaburi 1:1-6
1 Hahiriwe umuntu atagenda yisunga impanuro z’ababisha,adahagarara mu nzira y’abacumuzi+kandi aticarana n’abasuzugura ibigororotse+.
2 Ahubwo ahimbarwa n’itegeko rya Yehova+,kandi itegeko ryiwe arisoma n’ijwi ritoyi* ijoro n’umurango+.
3 Azoba nk’igiti gitewe hafi y’imigezi y’amazi,igiti cama igihe caco kigezekandi amababi yaco ntiyigere yuma.
Azororanirwa mu vyo akora vyose+.
4 Ababisha bobo ntibameze gutyo.Bameze nk’umuguruka utwawe n’umuyaga.
5 Ni co gituma ababisha batazoguma bahagaze mu rubanza+.Eka n’abacumuzi ntibazoguma bahagaze mw’ishengero ry’abagororotsi+.
6 Kuko Yehova azi inzira y’abagororotsi+,ariko inzira y’ababisha izozimangana+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «kandi azirikana itegeko ryiwe.»