Zaburi 11:1-7

  • Guhungira kuri Yehova

    • «Yehova ari mu rusengero rwiwe rweranda» (4)

    • Imana iranka abakunda ivy’ububisha (5)

Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi. 11  Yehova ni we mpungirako+. Mwubahuka gute kumbwira ngo: «Hungira ku musozi wawe nk’inyoni!   Raba ingene ababisha bafora umuheto.Bashira umwampi ku mugozi w’umuhetokugira barasire abagororotsi mu mwiza.   Igihe imishinge y’ubutungane isambutse,none abagororotsi bokora iki?»   Yehova ari mu rusengero rwiwe rweranda+, intebe y’ubwami ya Yehova iri mw’ijuru+. Amaso yiwe arabona, amaso yiwe adakubita urugohe* arasuzuma abana b’abantu+.   Yehova asuzuma abagororotsi n’ababisha+.Umuntu wese akunda ibintu vy’ububisha* aramushisha+.   Ababisha azobatega imitego*.Umuriro, amazuku*+ n’umuyaga uturira ni vyo bizoba umugabane wabo*.   Kuko Yehova agororotse+; akunda ibikorwa vy’ubugororotsi+. Abagororotsi bazobona mu maso hiwe*+.

Utujambo tw'epfo

Canke «aca ibibatsi.»
Canke «vy’ubukazi.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «azobarundako amakara yaka.»
Ni ibintu bimeze nk’ifu vyaka cane. Mu gifaransa bavyita soufre.
Mu giheburayo havuga ngo «umugabane w’igikombe cabo.»
Canke «azobagirira ubuntu.»