Zaburi 121:1-8
Ni indirimbo y’abariko baraduga.
121 Ndunamura amaso nkaraba ku misozi+.
Ugutabarwa kwanje kuzova hehe?
2 Ugutabarwa kwanje kuva kuri Yehova+,Umuremyi w’ijuru n’isi.
3 Ntazokwigera yemera ko ikirenge cawe kinyerera*+.
Umwe agukingira ntazokwigera agoheka*.
4 Emwe, umwe akingira Isirayeli+ntazokwigera agoheka canke asinzira.
5 Yehova ni we agukingira.
Yehova ni igitutu+ iburyo bwawe+.
6 Izuba ntirizokubabura ku murango+,kandi n’ukwezi ntikuzokugirira nabi mw’ijoro+.
7 Yehova azogukingira ivyokugirira nabi vyose+.
Azorinda ubuzima bwawe+.
8 Yehova azokurinda mu vyo ukora vyose*,kuva ubu no gushika ibihe bidahera.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «kidandabagirana.»
^ Canke «ahunyiza.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «igihe usohotse n’igihe winjiye.»