Zaburi 128:1-6

  • Abatinya Yehova barahiriwe

    • Umugore ni nk’umuzabibu wama cane (3)

    • «Ese wokwibonera ugusagamba kwa Yeruzalemu» (5)

Ni indirimbo y’abariko baraduga. 128  Hahiriwe umuntu wese atinya Yehova+,akagendera mu nzira ziwe+.   Uzorya ivyo amaboko yawe yabiriye akuya. Uzotunga utunganirwe+.   Umugore wawe azomera nk’umuzabibu wama cane mu nzu yawe+,abana bawe na bo bamere nk’imivyaro y’igiti c’umwelayo ikikuje imeza yawe.   Ukwo ni ko umuntu atinya Yehovaazohezagirwa+.   Yehova azoguhezagira ari i Siyoni. Ese wokwibonera ugusagamba kwa Yeruzalemu imisi yose y’ubuzima bwawe+,   ukibonera n’abuzukuru bawe! Amahoro nabe kuri Isirayeli!

Utujambo tw'epfo