Zaburi 14:1-7
Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi.
14 Abantu b’imburabwenge bibwira mu mutima ngo:
«Yehova nta wuriho+.»
Ibikorwa vyabo ni bibi kandi inyifato yabo irasesemye.Nta n’umwe akora ivyiza+.
2 Ariko Yehova aguma yitegereza abantu yibereye mw’ijuru,kugira arabe ko hari n’umwe afise ugutahura*, ko hari n’umwe arondera Yehova+.
3 Bose barataye inzira igororotse+.Bose barononekaye.
Nta n’umwe akora iciza,eka nta n’umwe.
4 Mbega mu banyakibi nta n’umwe afise ugutahura?
Barya abantu banje nka kurya barya umukate.
Ntibigera batabaza Yehova.
5 Ariko bazotekerwa n’ubwoba bwinshi+,kuko Yehova ari kumwe n’abagororotsi*.
6 Mwebwe abanyakibi muguma murondera kuburabuza imigambi y’umuntu mutoyi,ariko Yehova ni we buhungiro bwiwe+.
7 Icompa ubukiriro bwa Isirayeli bukaza buvuye i Siyoni+!
Yehova niyagarukana abantu biwe bagizwe imbohe,Yakobo azonezerwa, Isirayeli ahimbarwe.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ugutahura kwimbitse.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «iyaruka ry’abagororotsi.»