Zaburi 144:1-15

  • Isengesho ryo gusaba intsinzi

    • «Umwana w’umuntu ni iki?» (3)

    • «Abansi nibashwiragire» (6)

    • Abasavyi ba Yehova barahiriwe (15)

Ni zaburi ya Dawidi. 144  Hashemezwe Yehova we Gitandara canje+,we yigisha amaboko yanje kurwana,akigisha intoke zanje intambara+.   Ni we rukundo* rwanje n’igihome canje gikomeye,ubuhungiro bwanje butekanye* n’umurokozi wanje.Ni we nkinzo yanje, uwo mpungirako+kandi ni we amfasha kuganza amahanga+.   Ewe Yehova, umuntu ni iki ngo umwitwararike?Umwana w’umuntu ni iki ngo umwiteho+?   Umuntu ameze nk’impemu zitumuka gusa+.Imisi yiwe imeze nk’igitutu kiriko kirazimangana+.   Ewe Yehova, numanure* amajuru yawe maze wururuke+.Kora ku misozi maze ifumbe umwotsi+.   Nurungike imiravyo maze abansi bashwiragire+.Nurase imyampi yawe maze baje mu ruhagarara+.   Nutume amaboko yawe uri mw’ijuru,unkize kandi undokore mu mazi asuriranya,unkure mu maboko* y’abanyamahanga+,   barya bavuga ibinyomakandi bakaduza ukuryo kwabo barahira ububeshi.   Ewe Mana, nzokuririmbira indirimbo nshasha+. Nzokuririmbira amashemezo* nkoresheje igicurarangisho c’imirya cumi, 10  wewe utuma abami batahukana intsinzi*+,wewe ukiza umusavyi wawe Dawidi inkota yica+. 11  Nunkize, undokore mu maboko y’abanyamahanga,barya bavuga ibinyomakandi bakaduza ukuryo kwabo barahira ububeshi. 12  Maze abahungu bacu bazomera nk’ibiterwa bikura ningoga,abakobwa bacu na bo bamere nk’inkingi zishariza imfuruka z’ikirimba. 13  Ibigega vyacu bizosesekara umwimbu w’ubwoko bwose,ibitungwa vyacu mu gahinga na vyo bigwire incuro ibihumbi, mbere ibihumbi mirongo. 14  Inka zacu ziri mu kuvyara ntizizogira isanganya canke ngo ziramburure.Nta maborogo azokwumvikana mu bibanza rusangi* vyacu. 15  Hahiriwe abantu ivyabo vyifashe gutyo! Hahiriwe abantu Imana yabo ari Yehova+!

Utujambo tw'epfo

Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «ahantu hanje hataramutse hatekanye.»
Canke «nugonde.»
Canke «mu vyara.»
Canke «nzogucurarangira.»
Canke «barokoka.»