Zaburi 148:1-14
148 Shemeza Yehova*!
Shemeza Yehova mu majuru+,mumushemeze iyo hejuru.
2 Yemwe bamarayika biwe mwese, nimumushemeze+!
Yemwe ngabo ziwe mwese+, nimumushemeze!
3 Yemwe zuba n’ukwezi, nimumushemeze!
Nimumushemeze, yemwe nyenyeri mwaka mwese+!
4 Yemwe majuru ari hejuru cane*, nimumushemeze!Namwe mazi ari hejuru y’amajuru, nimumushemeze!
5 Vyose nibishemeze izina rya Yehova,kuko yategetse maze bikaremwa+.
6 Abigumiza mu kibanza cavyo gushika ibihe bidahera+.Yabishingiye itegeko ritazokwigera rivaho+.
7 Nimushemeze Yehova kw’isi,yemwe biremwa binini vyo mu mazi namwe mabenga yose y’amazi,
8 yemwe miravyo n’urubura namwe bibarafu* n’ibicu bizitanye,yemwe bihuhusi mushitsa ijambo ryiwe+,
9 yemwe misozi namwe mitumba mwese+,yemwe biti vy’ivyamwa namwe masederi mwese+,
10 yemwe bikoko vyo mw’ishamba+ namwe bitungwa mwese,yemwe bikoko bikwega inda hasi namwe nyoni mwese,
11 yemwe bami bo kw’isi namwe mahanga mwese,yemwe baganwa namwe bacamanza mwese bo kw’isi+,
12 yemwe misore namwe nkumi*,yemwe batama namwe mwese abakiri bato.
13 Vyose nibishemeze izina rya Yehova,kuko izina ryiwe ryonyene ari ryo riri hejuru cane hadashikwa+.
Icubahiro ciwe kirengeye isi n’ijuru+.
14 Azokwongera inguvu* abantu biwe,kugira ngo intahemuka ziwe zose zininahazwe,abana ba Isirayeli, abantu bari hafi yiwe.
Shemeza Yehova*!
Utujambo tw'epfo
^ Canke «haleluya!» Mu giheburayo havuga ngo «shemeza Ya!» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «yemwe majuru y’amajuru.»
^ Canke «shelegi.» Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.
^ Mu giheburayo havuga ngo «namwe masugi.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «azoduza ihembe.»
^ Canke «haleluya!» Mu giheburayo havuga ngo «shemeza Ya!» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»