Zaburi 20:1-9

  • Imana irokora umwami yarobanuye

    • Hari abishimira amafarasi, «ariko twebwe twambaza izina rya Yehova» (7)

Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi. 20  Ese Yehova yokwishura ku musi w’amarushwa, izina ry’Imana ya Yakobo rikagukingira+.   Ese yogufasha ari ahantu heranda+,akagushigikira ari i Siyoni+.   Ese yokwibuka amashikanwa yawe yose,akemera* amashikanwa yawe aturirwa. (Sela*)   Naguhe ivyo umutima wawe wipfuza+,yongere atume imigambi* yawe yose iroranirwa.   Tuzokwiha akaruru k’umunezero kubera ubukiriro utanga+.Tuzoduza utudarapo twacu mw’izina ry’Imana yacu+. Ese Yehova yoguha ivyo umusaba vyose.   Ubu rero ndazi ko Yehova arokora uwo yarobanuje amavuta*+. Amwishura yibereye mw’ijuru ryiwe ryeranda,akamukiza* mu buryo buhambaye akoresheje ukuryo kwiwe+.   Hari abishimira imikogote, abandi bakishimira amafarasi+,ariko twebwe twambaza izina rya Yehova Imana yacu+.   Baradandabagiranye baragwa,ariko twebwe twarahagurutse, turasubirana+.   Ewe Yehova, nukize umwami+! Imana* izotwishura umusi twayitabaje+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «akabona nk’ibinure.»
Canke «impanuro.»
Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Canke «akamuha intsinzi.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «umwami.»