Zaburi 21:1-13
Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi.
21 Ewe Yehova, umwami aranezerwa n’inkomezi zawe+.Ese ingene ahimbarwa cane n’ubukiriro utanga+!
2 Wamuhaye ico umutima wiwe wipfuza+,kandi ntiwamwimye ico iminwa yiwe yagusavye. (Sela*)
3 Kuko umusanganiza imihezagiro myinshi,ugashira ku mutwe wiwe urugori rw’inzahabu nzizanziza*+.
4 Yagusavye ubuzima urabumuha+,umuha kuramba* gushika ibihe bidahera.
5 Ubukiriro utanga butuma aninahazwa cane+.
Wamuhaye kugira iteka n’ubwiza buhebuje.
6 Wamugize uwahezagiwe ibihe vyose+,utuma ahimbarwa no kuba ari imbere yawe+.
7 Kuko umwami yizigira Yehova+.Kubera urukundo* rwa Musumbavyose, ntazokwigera anyiganyizwa*+.
8 Ukuboko kwawe kuzofata abansi bawe bose.Ukuboko kwawe kw’ukuryo kuzofata abakwanka.
9 Niwabahagurukira, uzobagira nk’ikintu batereye mw’ifuru irurumba.
Yehova azobarandura n’ishavu n’akantu, kandi umuriro uzobarigata+.
10 Ababakomokako uzobarandura kw’isi,n’uruvyaro rwabo ururandure mu bantu.
11 Kuko bashatse kugukorera ikibi+.Imigambi mibi bapanze nta co izoshikako+.
12 Uzobasubiza inyuma+mu kubatumberezako umuheto wawe.
13 Haguruka Yehova, werekane inkomezi zawe.
Tuzoririmba duhayagiza* ububasha bwawe.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «ityoroye.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «uburebure bw’imisi.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «ntazokwigera acumbagira (adandabagirana).»
^ Mu giheburayo havuga ngo «tuzoririmba twongere ducurarangire.»