Zaburi 24:1-10

  • Umwami aninahaye yinjira mu marembo

    • «Isi ni iya Yehova» (1)

Ni zaburi ya Dawidi. 24  Isi n’ibiri muri yo vyose ni ivya Yehova+,isi* yose n’abayibamwo ni ivyiwe.   Yarayishinze ku biyaga arayikomeza+,arayishimangira ku nzuzi.   Ni nde yoduga ku musozi wa Yehova+?Ni nde yohagarara ahantu hiwe heranda?   Ni uwufise amaboko y’intungane n’umutima utyoroye+,umuntu atigeze arahira ibinyoma akoresheje izina ryanje*canke ngo arahire abesha+.   Azokwironkera imihezagiro ya Yehova+,kandi Imana y’ubukiriro bwiwe izomwita umugororotsi*+.   Abantu mwene abo ni bo bayirondera*,ni bo barondera mu maso hawe, ewe Mana ya Yakobo. (Sela*)   Nimuraramure imitwe mwa marembo+!Nimwuguruke* mwa miryango ya kera,kugira Umwami aninahaye yinjire+!   None uwo Mwami aninahaye ni nde? Ni Yehova, umwe akomeye kandi w’intwari+,Yehova, ya ntwari mu rugamba+.   Nimuraramure imitwe mwa marembo+!Nimwuguruke mwa miryango ya kera,kugira Umwami aninahaye yinjire! 10  None uwo Mwami aninahaye ni nde? Ni Yehova Nyeningabo, uwo ni we Mwami aninahaye+! (Sela)

Utujambo tw'epfo

Canke «isi yimbuka.»
Mu giheburayo havuga ngo «ubuzima bwanje.» Ni ukuvuga ubuzima bwa Yehova.
Canke «intungane.»
Canke «urwo ni rwo ruvyaro rw’abayirondera.»
Canke «muhaguruke.»