Zaburi 30:1-12

  • Ikigandaro ugihindura umunezero

    • Ubuntu bw’Imana ni ubw’ubuzima bwose (5)

Ni indirimbo yo kwinjira inzu. Ni zaburi ya Dawidi. 30  Ewe Yehova, nzoguhaya kuko wandugije* ukankura mu cobo.Ntiwaretse ngo abansi banje banyirateko+.   Ewe Yehova Mana yanje, naragutabaje nawe urankiza+.   Ewe Yehova, warandugije unkura mu kuzimu+. Waranzigamye, undinda kumanuka mu cobo*+.   Nimuririmbire amashemezo* Yehova, yemwe ntahemuka ziwe+,nimuhayagize izina* ryiwe ryeranda+.   Kuko ishavu ryiwe ari iry’akanya gato+,ariko ubuntu* bwiwe ni ubw’ubuzima bwose+. Umuntu yoshobora kurira ku mugoroba, ariko mu gitondo akavuza impundu+.   Igihe nari nitekaniye, navuze nti: «Sinzokwigera nyiganyizwa*   Ewe Yehova, ngishimwa* nawe nari nkomeye nk’umusozi+. Ariko igihe wampisha mu maso hawe, narahagaritse umutima+.   Ewe Yehova, ni wewe nagumye mpamagara+.Yehova, ni wewe nagumye ntakambira ngo ungirire ubuntu.   None ndamutse mpfuye*, nkaja mu kuzimu, bikwungura iki+? Mbega umukungugu uzoguhaya+? Uzovuga ibijanye n’ubwizigirwa bwawe+? 10  Ewe Yehova, nunyumve ungirire ubuntu+. Ewe Yehova, numbere umutabazi+. 11  Ikigandaro canje wagihinduye intambo.Wanyambuye amagunira maze unyambika umunezero, 12  kugira ngume ndakuririmbira* amashemezo, sinigere ncereza. Ewe Yehova Mana yanje, nzogushemeza ibihe bidahera.

Utujambo tw'epfo

Canke «wankweze.»
Canke «mu mva.»
Canke «nimucurarangire.»
Mu giheburayo havuga ngo «icibutso.»
Canke «gushimwa na we.»
Canke «sinzokwigera ncumbagira (ndandabagirana).»
Canke «ngitoneshwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «amaraso yanje asesetse.»
Mu giheburayo havuga ngo «kugira ubuninahazwa bwanje bukuririmbire.»