Zaburi 4:1-8
Ku mukuru w’abaririmvyi*: ikwiye guherekezwa n’ibicurarangisho vy’imirya. Ni zaburi ya Dawidi.
4 Nunyishure iyo ndaguhamagaye, ewe Mana yanje igororotse+!
Nuncire icanzo* mu magorwa yanje.
Nungirire ubuntu, wumve isengesho ryanje.
2 Mbe mwa bantu mwe, muzogeza ryari kunsuzugura?
Muzogeza ryari gukunda ibitagira akamaro no kurondera ibinyoma? (Sela*)
3 Nimumenye ko Yehova azotonesha* intahemuka yiwe.Yehova azonyumva ninamuhamagara.
4 Niwashavura, ntibice bituma ucumura+.
Uravugira mu mutima wawe, ku gitanda cawe, ariko ugume wihoreye. (Sela)
5 Nushikane ibimazi vy’ubugororotsi,kandi wizigire Yehova+.
6 Benshi baguma babaza ngo: «Ni nde azotwereka ivyiza?»
Umuco wo mu maso hawe nutumurikire, ewe Yehova+!
7 Umutima wanje wawujuje umunezero mwinshikuruta uwo abantu bagira iyo bimbuye intete n’umuvinyu ku bwinshi.
8 Nzoryama nisinzirire mu mahoro+,kuko wewe gusa Yehova, ari we utuma niberaho mu mutekano+!
Utujambo tw'epfo
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Mu giheburayo havuga ngo «nutume nagukirwa.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «azotandukanya n’abandi», «azofata mu buryo budasanzwe.»