Zaburi 44:1-26
Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni indirimbo* y’abahungu ba Kora+.
44 Ewe Mana, amatwi yacu yaravyumvise.Ba sokuruza bacu baratwiganiye+ibikorwa wakoze mu gihe cabo,mu misi ya kera cane.
2 Warirukanye amahanga n’ukuboko kwawe+,uraheza ushira ba sokuruza bacu mu kibanza cayo+.
Waramenaguye amahanga maze urayomora+.
3 Inkota yabo si yo yatumye bigarurira igihugu+,ntibatahukanye intsinzi kubera ukuboko kwabo+.
Ahubwo ni ukuboko kwawe kw’ukuryo, ububasha bwawe+ n’ubuntu bwawe*,kuko wabakunze+.
4 Ewe Mana yanje, ni wewe Mwami wanje+.Tanga itegeko* Yakobo atahukane intsinzi bimwe bishitse*.
5 Biciye ku bubasha bwawe, tuzosubiza inyuma abansi bacu+,kandi abaturwanya, tuzobatsinda mw’izina ryawe+.
6 Kuko ntizigiye umuheto wanje,kandi inkota yanje ntishobora kunkiza+.
7 Ni wewe wadukijije abaturwanya+.Ni wewe wamaramaje abatwanka.
8 Tuzoshemeza Imana burinde bwira,kandi tuzohayagiza izina ryawe ibihe vyose. (Sela*)
9 Ariko ubu waradutaye uratumaramaza,kandi ntukijana n’ingabo zacu.
10 Uguma utuma duhunga abaturwanya+,abansi bacu bakitwarira ibintu vyose bashatse.
11 Wadutanze ku bansi bacu kugira batwice nk’intama,udushwiragiza mu mahanga+.
12 Ni nk’aho ugurisha abantu bawe kuri gusa+,nta nyungu na nkeyi ubaronkako*.
13 Watugize iceyi ku babanyi bacu,utugira agatwengo n’agacokoro ku badukikuje bose.
14 Watugize iciro ry’umugani mu mahanga+,abantu baratubona bakazunza umutwe.
15 Nirirwa ntekewe n’isoni,nkumva ndengewe n’ibimaramare,
16 kubera urwamo rw’agacokoro n’ibitutsi vyabo,kubera abansi bacu bariko baratwihora.
17 Naho ivyo vyose vyadushikiye, ntitwigeze tukwibagirakandi ntitwarenze kw’isezerano ryawe+.
18 Umutima wacu ntiwigeze uguhemukira.Ntitwigeze duta inzira yawe.
19 Ariko watujanjaguriye aho imbwebwe ziba,udupfukisha umwiza w’umuzitanya.
20 Nimba twaribagiye izina ry’Imana yacu,canke tukaduza amaboko dusenga iyindi mana*,
21 none Imana ntiyobimenya?
Irazi amabanga yo mu mutima+.
22 Twirirwa turicwa kubera wewe.Abansi bacu batubona nk’intama zo gukererwa+.
23 Vyuka Yehova! Kubera iki uguma usinziriye+?
Ikangure! Ntuduhebe burundu+.
24 Kubera iki uduhisha mu maso hawe?
Kubera iki wibagira amarushwa n’agacinyizo turimwo?
25 Twarunamitswe hasi mu mukungugu,imibiri yacu irambaraye hasi+.
26 Haguruka udutabare+!
Turokore* kubera urukundo* rwawe+.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «masikili.» Raba Insiguro y’amajambo (Masikili).
^ Mu giheburayo havuga ngo «n’umuco wo mu maso hawe.»
^ Canke «nutume.»
^ Canke «atahukane ubukiriro buhambaye.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «nta nyungu ukura ku giciro cabo.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «imana y’inyamahanga.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ducungure.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»