Zaburi 48:1-14
Ni indirimbo. Ni zaburi y’abahungu ba Kora+.
48 Yehova arahambaye kandi arabereye gushemezwa canemu gisagara c’Imana yacu, ku musozi wiwe mweranda.
2 Umusozi Siyoni uri kure mu buraruko.Uburebure bwawo ni bwiza, ni umunezero w’isi yose+,igisagara c’Umwami ahambaye+.
3 Mu minara yawo ikomeye,Imana yarerekanye ko ari ubuhungiro butekanye*+.
4 Ehe abami barakoranye*,maze bazira icarimwe.
5 Igihe babona ico gisagara, baratangaye cane.
Bararandutse umutima, barata baromoka.
6 Bakiri ng’aho barajugumiye,bagira ububabare nk’ubw’umugore ariko aribaruka.
7 Usavya amato* y’i Tarushishi ukoresheje umuyaga wo mu buseruko.
8 Ivyo twari twarumvise ubu turavyiboneyemu gisagara ca Yehova Nyeningabo, igisagara c’Imana yacu.
Imana izogikomeza gushika ibihe bidahera+. (Sela*)
9 Ewe Mana, turazirikana urukundo* rwawe+turi mu rusengero rwawe.
10 Ewe Mana, amashemezo yawe ashika ku mpera y’isi,nka kurya kw’izina ryawe+.
Ukuboko kwawe kw’ukuryo kwuzuye ubugororotsi+.
11 Umusozi Siyoni+ nuhimbarwe!Ibisagara* vy’Ubuyuda nibinezerwe kubera imanza zawe+.
12 Nimuzunguruke Siyoni, muhagendagende.Nimuharure iminara yaho+.
13 Nimwihweze neza ibihome vyaho+.
Nimusuzume iminara yaho ikomeyekugira muze muvyiganire abazokwaruka mu nyuma.
14 Kuko iyi ari yo Mana yacu+ gushika ibihe bidahera.
Izokwama ituyobora ibihe vyose*+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ahantu hataramutse hatekanye.»
^ Canke «bahuriye kw’isango.»
^ Canke «imeri.» Imeri ni ubwato bunini.
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Mu giheburayo havuga ngo «abakobwa.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «gushika dupfuye.»