Zaburi 51:1-19
Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi, igihe umuhanuzi Natani yaza iwe inyuma y’aho Dawidi asambaniye na Batisheba+.
51 Ewe Mana, ngirira ubuntu nk’uko urukundo* rwawe+ ruri.
Nuhanagure ibicumuro vyanje nk’uko imbabazi zawe nyinshi+ ziri.
2 Nunyoze neza ikosa ryanje+,umpumanure igicumuro canje+.
3 Kuko nzi neza amakosa yanje,kandi igicumuro canje cama imbere yanje*+.
4 Ni wewe nacumuyeko+ kuruta abandi bose*.Nakoze ibintu bibi imbere y’amaso yawe+.
Ivyo uvuga rero biragororotse,kandi imanza uca ziragororotse+.
5 Raba! Navukiye mw’ikosa,kandi nabaye umucumuzi kuva mama akinsama inda*+.
6 Uhimbarwa n’umuntu avuga ukuri mu mutima wiwe+.Nunyigishe ubukerebutsi nyakuri.
7 Numpumanure igicumuro canje* kugira mbe uwutyoroye+.Nunyoze ku buryo nsigara nera derere*+.
8 Nutume nsubira kugira umunezero n’akamwemwe,kugira nezerwe naho wajanjaguye amagufa yanje+.
9 Hindukira ureke kuraba* ibicumuro vyanje+,uhanagure amakosa yanje yose+.
10 Ewe Mana, nundememwo umutima utyoroye+,unshiremwo impwemu nshasha+, itanyiganyiga.
11 Ntunyirukane ngo mve imbere yawe,kandi ntunkureko impwemu yawe nyeranda.
12 Nusubire umpe umunezero uva ku bukiriro utanga+,unshiremwo icipfuzo co kukugamburukira*.
13 Nzokwigisha abanyakibi inzira zawe+,kugira abacumuzi bakugarukeko.
14 Ewe Mana, Mana y’ubukiriro bwanje+, nunkize ukwagirwa n’amaraso+,kugira ntangaze ubugororotsi bwawe+ nezerewe.
15 Ewe Yehova, niwugurure iminwa yanje,kugira ntangaze ishemezo ryawe+.
16 Ni uko udashaka ibimazi, ahandiho nari kubitanga+.Ntuhimbarwa n’amashikanwa aturirwa uko yakabaye+.
17 Ibimazi bihimbara Imana ni umutima umenetse.Ewe Mana, umutima umenetse kandi ujanjaguritse ntuzowuta*+.
18 Nugirire neza Siyoni kubera ubuntu bwawe,wubake impome za Yeruzalemu.
19 Uzoheza uhimbarwe n’ibimazi vy’abagororotsi,ibimazi biturirwa n’amashikanwa atangwa yose.Ibimazi vy’impfizi bizoheza bitangwe ku gicaniro cawe+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «ni co nguma niyumvira.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ni wewe wenyene nacumuyeko.»
^ Canke «kandi mama yansamiye inda mu gicumuro.»
^ Canke «nera nka shelegi.» Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.
^ Mu giheburayo havuga ngo «nunyoze igicumuro canje ukoresheje agakama k’uduti twa ezobu.»
^ Canke «nuhishe mu maso hawe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «unshigikize umutima ukunze.»
^ Canke «ntuzowusuzugura.»