Zaburi 54:1-7
-
Isengesho ry’umuntu ageramiwe n’abansi
-
«Imana ni yo mutabazi wanje» (4)
-
Ku mukuru w’abaririmvyi: ikwiye guherekezwa n’ibicurarangisho vy’imirya. Ni indirimbo* ya Dawidi, igihe Abanyezifu baza kwa Sawuli bakamubwira bati: «Dawidi yinyegeje iwacu+.»
54 Ewe Mana, nundokore ku bw’izina ryawe+,umburanire+ ukoresheje ububasha bwawe.
2 Ewe Mana, niwumve isengesho ryanje+,utege ugutwi amajambo mvuga.
3 Kuko abansi* bampagurukiye,abantu b’imburakigongwe bariko barondera kunyica+.
Ntibubaha Imana na gato*+. (Sela*)
4 Raba! Imana ni yo mutabazi wanje+.Yehova ari kumwe n’abanshigikiye.
5 Abansi banje azobishura+ ikibi bakora.Ewe Mana, nubarandure* kuko uri umwizigirwa+.
6 Nzogushikanira ikimazi+ n’umutima ukunze.
Ewe Yehova, nzoshemeza izina ryawe kuko ari vyiza+.
7 Kuko unkiza amagorwa yanje yose+,kandi nzokwitegereza ugutemba kw’abansi banje+.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «masikili.» Raba Insiguro y’amajambo (Masikili).
^ Canke «ntibagumiza Imana imbere yabo.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «abanyamahanga.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «nubanumye.»