Zaburi 61:1-8

  • Imana ni umunara ukomeye udukingira

    • «Nzoba umushitsi mw’ihema ryawe» (4)

Ku mukuru w’abaririmvyi: ikwiye guherekezwa n’ibicurarangisho vy’imirya. Ni zaburi ya Dawidi. 61  Ewe Mana, niwumve ugutabaza kwanje. Nutege ugutwi isengesho ryanje+.   Igihe umutima wanje wihebuye*+,ni wewe ndirira ndi ku mpera y’isi. Nunjane ku gitandara kirekire kunsumba+.   Kuko uri ubuhungiro bwanje,umunara ukomeye unkingira umwansi+.   Nzoba umushitsi mw’ihema ryawe ibihe vyose+.Nzohungira munsi y’amababa yawe+. (Sela*)   Kuko wumvise indagano zanje, ewe Mana! Wampaye intoranwa y’abatinya izina ryawe+.   Uzokwongera umwami imisi yo kubaho+,kandi azomara imyaka myinshi.   Azokwicara ku ntebe y’ubwami* imbere y’Imana ibihe vyose+.Urukundo* rwawe n’ubwizigirwa bwawe nibimuzigame+.   Nzoheza ndirimbire amashemezo* izina ryawe ibihe vyose+,nshitse indagano zanje uko bukeye uko bwije+.

Utujambo tw'epfo

Canke «ugoyagoya.»
Canke «azoba.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «nzocurarangira.»