Zaburi 65:1-13

  • Imana iritwararika isi

    • «Wewe wumva amasengesho» (2)

    • «Hahiriwe umuntu utora» (4)

    • Ivyiza vyinshi Imana ikora (11)

Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi. Indirimbo. 65  Ewe Mana, amashemezo arakurindiriye i Siyoni+.Tuzoshitsa indagano twakuraganiye+.   Wewe wumva amasengesho, abantu b’ubwoko bwose bazoza iwawe+.   Amakosa yanje yandengeye+,ariko urapfuka ibicumuro vyacu+.   Hahiriwe umuntu utora ukamwiyegerezakugira yibere mu bigo vyawe+! Tuzohazwa n’ivyiza vyo mu nzu yawe+,urusengero rwawe rweranda+.   Ewe Mana y’ubukiriro bwacu,uzotwishura ukoresheje ibikorwa vy’ubugororotsi biteye ubwoba+.Ababa kw’isi iyo iva ikagera barakwizigira+,mbere n’ababa kure cane hakurya y’ikiyaga.   Washimangiye* imisozi ukoresheje ububasha bwawe.Emwe, ukenyeye* ubushobozi+.   Utururuza* ibiyaga bisuriranya+,ugahwamika imipfunda yavyo n’urwamo rw’amahanga+.   Ababa kure bazoterwa ubwoba n’ibikorwa* vyawe+.Uzotuma amahanga anezerwa kuva mu buseruko gushika mu burengero.   Witwararika isi,ugatuma imera cane, ikimbuka rwose+. Umugezi uva ku Mana wuzuye amazi.Ukwo ni ko wateguye isi,kugira uronse abantu ibifungurwa+. 10  Uvomera imirima yayo, ukaringaniza ubusize* bwayo.Urayorosha ukoresheje imvura, ugahezagira ibimera kuri yo+. 11  Umwaka uwambika urugori rw’ivyiza vyawe,inzira zawe zuzuye umusesekara*+. 12  Uburagiro bwo mu bugaragwa buguma butotahaye+,kandi imisozi yambaye akanyamuneza+. 13  Uburagiro bwuzuyemwo ibitungwa,ibiyaya* na vyo bitwikiriwe n’ibiterwa vy’intete+. Vyose biravuza impundu, emwe biraririmba+!

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «yarashimangiye.»
Mu giheburayo havuga ngo «akenyeye.»
Mu giheburayo havuga ngo «atururuza.»
Canke «ibimenyetso.»
Canke «amaburi.»
Mu giheburayo havuga ngo «zitonyanga ibinure.»
Canke «imyonga.»