Zaburi 69:1-36

  • Isengesho ryo gusaba kurokorwa

    • «Umwete w’inzu yawe urandurumbamwo» (9)

    • «Nunyishure ningoga» (17)

    • «Bampaye inkarihe» (21)

Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira kw’ijwi ryitwa «Amalisi.» Ni zaburi ya Dawidi. 69  Ewe Mana, nunkize kuko amazi agira antware+.   Namaze kunyikira mu rwondo, singira aho mpagarara+. Nacokeye mu mazi y’ibenga,kandi imikuba iriko irantwara+.   Narushe kubera nguma ntabaza+,umuhogo wanje wasaraye. Amaso yanje yaruhijwe no kurindira Imana yanje+.   Abanyankira ubusa+ni benshi kuruta umushatsi wo ku mutwe wanje. Abarondera kunyica,abansi banje katwa*, babaye benshi. Nabwirijwe kuriha ivyo ntari nivye.   Ewe Mana, urazi ibintu vy’ubupfu nakoze,kandi icaha nakoze ntiwigeze ukinyegezwa.   Ewe Mukama Segaba, Yehova Nyeningabo,abakwizigira ntibamaramare kubera jewe! Ewe Mana ya Isirayeli,abakurondera ntibateterwe kubera jewe!   Ndasigwa iceyi kubera wewe+,nsigaye nuzuye ibimaramare+.   Benewacu bamfata nk’umuntu batazi.Nsigaye ndi kavamahanga kuri bene mama+.   Umwete w’inzu yawe urandurumbamwo+,kandi ibitutsi vy’abagutuka bigwa kuri jewe+. 10  Igihe nicisha bugufi nkisonzesha*,vyatumye abantu bantuka. 11  Igihe na ho nambara igunira,vyatumye bansuzugura. 12  Nsigaye ndi ikiyago c’abicaye kw’irembo ry’igisagara,nkaba n’indirimbo y’imborerwa. 13  Ewe Yehova, ese isengesho ryanje ryogushikiraku mwanya ubona ko ubereye+! Ewe Mana, kubera urukundo* rwawe rwinshi,nunyishure unyereke ko uri umukiza atananirwa+. 14  Ndokora unkure mu rwondo,ntureke ngo nyike. Nunkize abanyanka,unkure mu mazi y’ibenga+. 15  Ntureke ngo imikuba y’umwuzure intware+,canke ngo ibwina hamire,canke ngo ikinogo* kinyugarireko umunwa waco+. 16  Ewe Yehova, nunyishure kuko urukundo* rwawe ari rwiza+. Nuhindukire undabe kubera imbabazi zawe nyinshi+, 17  kandi ntuhishe mu maso hawe umusavyi wawe+. Nunyishure ningoga kuko ngeze habi+. 18  Nunyegere untabare,unkize abansi banje. 19  Urazi ingene bansiga iceyi, ingene bamaramaza n’ingene bantetereza+. Abansi banje bose urababona. 20  Iceyi camvunye umutima kandi iyo mvune ntikira*. Nari niteze impuhwe ariko nta zo nabonye+.Nari niteze abampoza ariko narababuze+. 21  Aho kumpa ibifungurwa bampaye ubumara*+,bampa inkarihe y’umuvinyu kugira bamare inyota+. 22  Imeza yabo nibabere umutego,ukuroranirwa kwabo na kwo kubabere umushibuka+. 23  Amaso yabo nahume ntibasubire kubona,amafyinga yabo na yo agume ajugumira. 24  Nubasukeko uburake* bwawe,ishavu ryawe rirurumba ribahamvye+. 25  Aho baba* nihacike umusaka,ntihagire uwuba mu mahema yabo+. 26  Kuko baguma bakurikirana uwo wakubise,bakaguma bavugavuga imibabaro y’abo wakomerekeje. 27  Niwongere ikosa ku makosa yabo,kandi ntubabone nk’abagororotsi. 28  Amazina yabo nafutwe mu gitabu c’ubuzima*+,kandi ntibandikwe hamwe n’abagororotsi+. 29  Ariko jewe ndi mu marushwa n’imibabaro+. Ewe Mana, nunkingire ukoresheje ububasha bwawe. 30  Nzoririmbira amashemezo izina ry’Imana,kandi nzoyininahaza ndayishimire. 31  Ivyo bizohimbara Yehova kuruta impfizi y’inka,kuruta ishuri ifise amahembe n’ibinono+. 32  Abitonda bazobibona banezerwe. Yemwe abarondera Imana, nimureme. 33  Kuko Yehova yumviriza abakene+,kandi ntazosuzugura abantu biwe bagizwe imbohe+. 34  Ijuru n’isi nibimushemeze+,hamwe n’ibiyaga n’ibiba muri vyo vyose. 35  Kuko Imana izokiza Siyoni+,kandi izosanura ibisagara vy’Ubuyuda.Abantu bayo bazohaba, bahigarurire. 36  Uruvyaro rw’abasavyi bayo ruzohatorana+,kandi abakunda izina ryayo+ bazokwiberayo.

Utujambo tw'epfo

Canke «abansi banyankira ubusa.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «igihe narira nongera ndisonzesha.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «icobo.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «kandi ndi mukwihebura.»
Canke «igiterwa c’ubumara.»
Canke «ishavu.»
Canke «amakambi yabo azitijwe uruhome.»
Canke «mu gitabu c’abazima.»