Zaburi 71:1-24

  • Imana ni yo cizigiro c’abageze mu zabukuru

    • Namye nizigira Imana kuva nkiri muto (5)

    • «Ntunte igihe utuguvu turiko turahera» (9)

    • «Imana yanyigishije kuva nkiri muto» (17)

71  Ewe Yehova, ni wewe mpungirako. Ese ntokwigera maramara+!   Nunkize, untabare kubera ubugororotsi bwawe. Nuntege ugutwi* kandi untabare+.   Numbere igitandara gikomeye,ahantu nshobora kwama mpungira. Nutange itegeko ryo kundokora,kuko uri igitandara canje n’igihome canje gikomeye+.   Ewe Mana yanje, nundokore mu kuboko kw’ababisha+,unkure mu vyara vy’abancinyiza bampora ubusa.   Nkako, ni wewe cizigiro canje, ewe Mukama Segaba Yehova.Ni wewe namye nizigira* kuva nkiri muto+.   Ni wewe nishimikiza kuva nkivuka.Ni wewe wankuye mu nda ya mama+. Nama ndagushemeza.   Benshi bambona nk’igitangaro,ariko ni wewe buhungiro bwanje bukomeye.   Akanwa kanje kuzuye amashemezo yawe+.Nzoyaga ubwiza bwawe burinde bwira.   Ntumpebe mu gihe c’ubusaza+,kandi ntunte igihe utuguvu turiko turahera+. 10  Abansi banje bamvuga nabi.Abarondera kunyica bangiriye inama+, 11  bavuga bati: «Imana yamuhevye. Mwome inyuma mumufate, kuko atagira gitabara+ 12  Ewe Mana, ntugume kure yanje. Ewe Mana yanje, nunyaruke untabare+. 13  Ese abo bose bandwanyabomaramara bagahona+. Abo bose banyipfuriza ivyagonibamaramare barye ivyatsi+. 14  Ariko jewe nzoguma ndakurindiriye.Nzorushirizaho kugushemeza. 15  Akanwa kanje kazovuga ubugororotsi bwawe+,kazotangaza ingene ukiza burinde bwira,naho ukiza mu buryo bwinshi ntoshobora gutahura*+. 16  Ewe Mukama Segaba Yehova,nzoza mvuge ibikorwa vyawe vy’ububasha.Nzovuga ubugororotsi bwawe, wewe wenyene. 17  Ewe Mana, waranyigishije kuva nkiri muto+,kandi gushika n’ubu nguma ntangaza ibikorwa vyawe bitangaje+. 18  Ewe Mana, ntumpebe naho nshaje nkaba maze kumera imvi+. Nureke mbwire ubushobozi bwawe urunganwe* ruzokurikira,mbwire ububasha bwawe abazovuka mu nyuma+. 19  Ewe Mana, ubugororotsi bwawe bushika hejuru+.Wakoze ibintu bitangaje.Ni nde ameze nkawe ga Mana+? 20  Naho watumye mbona amarushwa n’ivyago vyinshi+,nusubire ungarurire udutege.Nunduze unkure mu nyenga* y’isi+. 21  Niwongereze iteka ryanje,unkingire wongere umpoze. 22  Nanje nzoheza ngushemeze n’igicurarangisho c’imirya,kuko uri umwizigirwa, ewe Mana yanje+! Nzokuririmbira amashemezo* n’inanga,ewe Mweranda wa Isirayeli! 23  Nzovuza impundu ndiko ndakuririmbira amashemezo+,kuko warokoye ubuzima bwanje*+. 24  Nzovuga* ubugororotsi bwawe burinde bwira+,kuko abarondera kunyica bazomaramara, bakarya ivyatsi+.

Utujambo tw'epfo

Canke «niwuname unyumvirize.»
Canke «ni wewe cizigiro canje.»
Canke «guharura.»
Canke «iyaruka.»
Canke «ibenga ry’amazi.»
Canke «nzogucurarangira.»
Canke «kuko wancunguye.»
Canke «nzozirikana.»