Zaburi 78:1-72

  • Ivyiza Imana yakoze, ubuhemu bw’Abisirayeli

    • Tuzovyiganira urunganwe ruzokurikira (2-8)

    • «Ntibizeye Imana» (22)

    • «Intete zivuye mw’ijuru» (24)

    • «Baratuntuje Umweranda wa Isirayeli» (41)

    • Kuva mu Misiri gushika mu gihugu c’isezerano (43-55)

    • «Bagumye bagerageza Imana» (56)

Ni indirimbo* ya Asafu+. 78  Bantu banje, nimwumvirize itegeko* ryanje!Nimutege ugutwi ivyo ngira mvuge!   Ngira nteranure akanwa mvugire mu migani, nshire ahabona ivyanyegejwe kuva kera+.   Ibintu twumvise kandi tuzi,ivyo basokuru bacu batwiganiye+,   ntituzobinyegeza abana babo.Tuzokwiganira urunganwe* ruzokurikira+ibikorwa vya Yehova bibereye gushemezwa be n’inkomezi ziwe+,ibintu vy’agatangaza yakoze+.   Yahaye ivyibutswa abakomoka kuri Yakobo,aha amategeko abakomoka kuri Isirayeli.Yategetse ba sokuruza bacukumenyesha ivyo bintu abana babo+,   kugira ngo urunganwe ruzokurikira,ni ukuvuga abana bazovuka babimenye+, na bo baheze babimenyeshe abana babo+.   Ivyo vyotumye abo bana bizigira Imana, ntibibagire ibikorwa vyayo+,ahubwo bagakurikiza amabwirizwa yayo+.   Vyotumye kandi batamera nka ba sekuruza babo,urunganwe rw’intagondwa kandi rw’abagarariji+,urunganwe rw’umutima uhindagurika*+kandi ruhemukira Imana.   Abefurayimu bari bafise imiheto,ariko barataye baromoka ku musi w’intambara. 10  Ntibubahirije isezerano ry’Imana+,kandi baranse gukurikiza amategeko yayo+. 11  Baribagiye kandi ivyo yakoze+,ibikorwa vyayo bitanganje yaberetse+. 12  Yakoreye ibintu bitangaje mu maso ya ba sekuruza babo+,mu gihugu ca Misiri, mu karere ka Zowani+. 13  Yasatuye ikiyaga kugira barengane,ituma amazi yaco amera nk’uruhome*+. 14  Ku murango yabayobora ikoresheje igicu,ijoro ryose na ho igakoresha umuco w’umuriro+. 15  Yasatuye ibitandara mu bugaragwa,ibaha amazi menshi banywa, nk’ayavuye mw’ibenga rinini+. 16  Yakuye amazi mu gitandara,ituma atemba nk’inzuzi+. 17  Ariko bagumye bayicumurakomu kugarariza Musumbavyose mu bugaragwa+. 18  Baragerageje Imana mu mitima yabo+mu gusaba ibifungurwa bipfuza cane. 19  Nuko batangura kwidogera Imana,bavuga ngo: «Mbega yoshobora kutugaburira mu bugaragwa+ 20  Ego data yarakubise igitandara,amazi aratemba n’imigezi irasegenyuka+. «None yoshobora no kuduha umukate,canke guha inyama abantu bayo+ 21  Yehova avyumvise yaciye ashavura+.Nuko umuriro+ utangura gutikiza uruvyaro rwa Yakobo,ishavu ryiwe rirurumbira uruvyaro rwa Isirayeli+, 22  kuko batari bizeye Imana+,ntibizigire ko ishoboye kubakiza. 23  Yaciye ategeka ikirere co hejuru cuzuye ibicu,yugurura imiryango y’ijuru. 24  Yagumye abatiburira manu ngo barye,abaha intete zivuye mw’ijuru+. 25  Abantu baraheza barya umukate w’abamarayika*+,abaha ivyo kurya vyinshi bibahagije+. 26  Yatumye mu kirere haduka umuyaga uvuye mu buseruko,atuma umuyaga wo mu bumanuko uhuhuta kubera ububasha bwiwe+. 27  Araheza abatibagurira inyama nyinshi nk’umukungugu,inyoni nyinshi nk’umusenyi wo ku kiyaga. 28  Atuma zigwa mw’ikambi yabo,no hirya no hino y’amahema yabo. 29  Nuko bararya barahimba,abaha ivyo bari bipfuje+. 30  Ariko umunoho wabo utarahera,ivyo bifungurwa bikiri mu kanwa kabo, 31  Imana yaciye irungura n’ishavu+. Iraheza yica abagabo b’inguvu muri bo+,yica imisore yo muri Isirayeli. 32  Ariko nticabujije ko barushiriza gucumura+.Ntibizigiye ibikorwa vyayo bitangaje+. 33  Yaciye ituma ubuzima bwabo bumara akanya gato nk’impemu+,ituma imyaka y’ubuzima bwabo imarwa n’ivyago bije giturumbuka. 34  Ariko igihe cose itanguye kubica, baca bayirondera+.Barahindukira bakarondera Imana, 35  bakibuka ko Imana ari yo Gitandara cabo+,be n’uko Imana Musumbavyose ari yo yabacunguye*+. 36  Mugabo bagumye bagerageza kuyihenda n’akanwa kabo,bagerageza kuyibesha n’ururimi rwabo. 37  Barayihemukiye mu mitima yabo+,kandi ntibagumije isezerano ryayo+. 38  Ariko yoyo yarabagirira imbabazi+.Yarabaharira* ikosa ryabo, ntibatikize+. Kenshi yaratsinda ishavu ryayo+,aho kurireka ngo riduge ryose. 39  Kuko yibuka ko ari abantu buntu+,umuyaga ugenda ntugaruke*. 40  Ese ukuntu bayigararije kenshi mu gahinga+,barayibabaje kenshi mu bugaragwa+! 41  Baragerageje Imana incuro n’izindi+,baratuntuza* Umweranda wa Isirayeli. 42  Ntibibutse ububasha* bwayo,umusi yabarokora* ikabakiza umwansi+. 43  Ntibibutse ibimenyetso yakoreye mu Misiri+n’ibitangaro yakoreye mu karere ka Zowani, 44  ingene yahinduye amaraso imigende y’uruzi Nili+,ku buryo badashobora kunywa amazi yo mu nzuzi zabo. 45  Yabarungitsemwo ibitero vy’ibibugu kugira bibarye+,hamwe n’ibikere kugira bibateze ivyago+. 46  Yatumye ibiterwa vyabo biribwa n’inzige zitema zigatongora,atuma ivyo babiriye akuya biribwa n’ibitero vy’inzige+. 47  Yatikije ibiti vyabo vy’imizabibun’ibiti vyabo vy’imisukomora ikoresheje urubura+. 48  Yatumye ibitungwa vyabo bimarwa n’urubura+,ituma ubusho bwabo bukubitwa n’inkuba*. 49  Yabarekuriyeko ishavu ryayo rirurumba,uburake n’ubushangashirwe bwayo hamwe n’ivyago.Irungika ibitero vy’abamarayika ngo babateze ivyago. 50  Yaraciriye inzira ishavu ryayo, ntiyabakingira urupfu,ahubwo irabareka ngo bamarwe n’ikiza. 51  Amaherezo, yaratikije imfura zose zo mu Misiri+,abavutse ubwa mbere mu mahema ya Hamu. 52  Yaciye ikurayo abantu bayo, ibasohora nk’ubusho bw’ibitungwa+,ibayobora nka kurya kw’ibitungwa mu gahinga. 53  Yabatwaye mu mutekano,kandi nta bwoba bigeze bagira+.Ikiyaga caramize abansi babo+. 54  Nuko ibazana mu gihugu cayo ceranda+,aka karere k’imisozi yigaruriye n’ukuboko kwayo kw’ukuryo+. 55  Yarirukanye amahanga ngo ababise+,iraheza ibaha intoranwa ikoresheje umugozi wo gupimisha+,ituma imiryango y’Abisirayeli yironkera amazu yayo bwite+. 56  Ariko bagumye bagerageza Imana Musumbavyose, barayigarariza+.Ntibumvirije ivyibutswa vyayo+. 57  Barasubiye inyuma barahemuka nka ba sekuruza babo+. Ntibabaye abo kwizigirwa, babaye nk’umuheto wabohotse+. 58  Bagumye bayibabaza mu gusenga ibigirwamana*+,baguma bayishavuza* mu gusenga ibishusho bibajwe+. 59  Imana ivyumvise yaciye ishavura+,ica iraheba Isirayeli burundu. 60  Yahavuye iheba ihema ryeranda ryari i Shilo+,ihema yari yarabayemwo hagati mu bantu+. 61  Yararetse ikimenyetso c’inkomezi zayo kiratwarwa,ikimenyetso c’ubwiza bwayo igishira mu maboko y’abansi+. 62  Yararetse abantu bayo bamarwa n’inkota+,ishavurira intoranwa yayo. 63  Umuriro warayogeje imisore yayo,kandi abigeme bayo ntibigeze baririmbirwa indirimbo z’ubugeni*. 64  Abaherezi bayo barishwe n’inkota+,kandi abagore babo ntibigeze babaririra+. 65  Yehova yaciye yikangura nk’umuntu avyutse mw’itiro+,nk’umurwanyi w’intwari+ umuvinyu uhezeko. 66  Araheza asubiza inyuma abansi biwe+,atuma bamaramara ibihe vyose. 67  Yarataye ihema rya Yozefu,ntiyatora umuryango wa Efurayimu. 68  Ariko yatoye umuryango wa Yuda+,umusozi Siyoni yikundira+. 69  Yatumye ahantu hiwe heranda haramba nk’ijuru*+,arahakomeza ibihe vyose nka kurya kw’isi+. 70  Yaratoye Dawidi+ umusavyi wiwe,amukura mu mpongore z’intama+, 71  aho yariko yitwararika intama zonsamaze amugira umwungere wa Yakobo, abantu biwe+,umwungere wa Isirayeli, intoranwa yiwe+. 72  Yarabaragiye n’umutima wiwe wose+,abayobora akoresheje ubuhinga+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «masikili.» Raba Insiguro y’amajambo (Masikili).
Canke «inyigisho.»
Canke «iyaruka.»
Mu giheburayo havuga ngo «utiteguye.»
Canke «urugomero.»
Canke «abanyabubasha.»
Canke «ibahora.»
Mu giheburayo havuga ngo «yarapfuka.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ko impwemu isohoka ntigaruke.»
Canke «barababaza.»
Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko.»
Mu giheburayo havuga ngo «yabacungura.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «inyonko ikaze.»
Mu giheburayo havuga ngo «bayibabarisha ibibanza bitaramutse.» Raba Insiguro y’amajambo (Ibibanza bitaramutse).
Canke «bayitera ishari.»
Mu giheburayo havuga ngo «kandi abigeme bayo b’isugi ntibigeze bashemezwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «yubatse ahantu hiwe heranda nka kurya kw’imisozi.»