Zaburi 81:1-16
Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira kuri Gititi*. Ni zaburi ya Asafu+.
81 Nimuvugirize impundu Imana, yo nkomezi zacu+.
Nimwigine imbere y’Imana ya Yakobo.
2 Nimuvuze umuziki mukoresheje utugoma,inanga zivuga neza n’ibicurarangisho vy’imirya.
3 Nimuvuze inzamba ku mboneko y’ukwezi+,igihe ukwezi ari igisyo, ku musi mukuru wacu+.
4 Kuko ari itegeko kuri Isirayeli,ingingo yashinzwe n’Imana ya Yakobo+.
5 Yayishinze igihe yatera igihugu ca Misiri+,kugira ngo abakomoka kuri Yozefu baze barayibuka+.
Ni ho numva ijwi* ntashoboye kumenya rivuga riti:
6 «Nakuye umuzigo ku bitugu vyabo+,n’ikivumvu mu maboko yabo.
7 Igihe bari mu magorwa barantabaje, nanje ndabakiza+.Nabishuriye mu bicu birimwo imituragaro*+.
Narabagejeje ku mazi y’i Meriba*+. (Sela*)
8 Nimwumvirize bantu banje, ngira ndabagirize.
Ewe Isirayeli, ese iyaba wonyumvirije+!
9 Nta Mana y’ahandi rero yobaye hagati yawe,kandi ntiwokwunamiye imana y’inyamahanga+!
10 Jewe Yehova ndi Imana yawe,yagukuye mu gihugu ca Misiri+.
Asama cane, nanje nuzuze akanwa kawe ibifungurwa+.
11 Ariko abantu banje ntibanyumvirije,Isirayeli ntiyangamburukiye+.
12 Naciye ndabareka bakurikira imitima yabo ikomantaye,bakora ivyo babona ko ari vyiza*+.
13 Ese iyaba abantu banje bonyumvirije+!Ese iyaba Isirayeli yogendeye mu nzira zanje+!
14 Abansi babo nobamaze amanyama ningoga,ukuboko kwanje kukarwanya ababarwanya+.
15 Abanka Yehova bazojugumira imbere yiwe,kandi igihano* cabo kizoba ic’ibihe bidahera.
16 Ariko abantu banje bazorya ingano nzizanziza*+,bahage ubuki buvuye mu gitandara+.»
Utujambo tw'epfo
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «ururimi.»
^ Iryo zina risobanura ngo «gushwana.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Mu giheburayo havuga ngo «ahantu hihishije h’umuturagaro.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «bagendera ku mpanuro zabo.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «umwanya.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ibinure.»