Zaburi 86:1-17

  • Nta mana imeze nka Yehova

    • Yehova yiteguriye kubabarira (5)

    • Amahanga yose azosenga Yehova (9)

    • «Nunyigishe inzira yawe» (11)

    • «Niwegeranye umutima wanje» (11)

Ni isengesho rya Dawidi. 86  Ewe Yehova, nuntege ugutwi* kandi unyishure,kuko ndi umugorwa nkaba n’umukene+.   Nurinde ubuzima bwanje, kuko ndi intahemuka+. Nukize umusavyi wawe akwizigira,kuko uri Imana yanje+.   Ewe Yehova, nungirire ubuntu+,kuko ari wewe ntabaza bukarinda bwira+.   Ewe Yehova, nunezereze umusavyi wawe,kuko ari wewe mpanze amaso.   Ewe Yehova, uri mwiza+ kandi witeguriye kubabarira+!Urukundo* ufitiye abo bose bakwambaza ni rwinshi+.   Ewe Yehova, niwumvirize isengesho ryanje,utege ugutwi ugutakamba kwanje+.   Ndagutabaza ku musi w’ivyago+kuko unyishura+.   Ewe Yehova, nta mana iriho imeze nkawe+,kandi nta bikorwa biriho bimeze nk’ivyawe+.   Ewe Yehova, amahanga yose waremyeazoza yuname imbere yawe+,kandi azoninahaza izina ryawe+. 10  Kuko uhambaye kandi ugakora ibintu bitangaje+.Ni wewe wenyene uri Imana+. 11  Ewe Yehova, nunyigishe inzira yawe+, nanje nzogendera mu kuri kwawe+. Niwegeranye umutima wanje* kugira ntinye izina ryawe+. 12  Ewe Yehova Mana yanje, ndagushemeza n’umutima wanje wose+,kandi nzoninahaza izina ryawe ibihe vyose, 13  kuko urukundo* unkunda ari rwinshi,kandi wararokoye ubuzima bwanje ngo ntibuje mu kuzimu+. 14  Ewe Mana, abantu bita imbere bampagurukiye+.Akagwi k’abantu b’imburakigongwe kariko karondera kunyica,kandi ntibagutinya na gato*+. 15  Ariko wewe ga Yehova, uri Imana y’imbabazi n’impuhwe*,iteba gushavura kandi yuzuye urukundo* n’ukudahemuka*+. 16  Nuhindukire ungirire ubuntu+. Nuhe umusavyi wawe inkomezi zawe+,urokore umwana w’umusukukazi wawe. 17  Nunyereke ikimenyetso c’ukumera neza kwawe,kugira ngo abanyanka babibone maze bamaramare. Kuko uri umutabazi wanje ukaba n’umuhoza wanje, ewe Yehova!

Utujambo tw'epfo

Canke «niwuname unyumvirize.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «numpe umutima utigabuye.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «kandi ntibagushize imbere yabo.»
Canke «n’ubuntu.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «n’ukuri.»