Zaburi 90:1-17

  • Imana yamaho, ariko umuntu amara igihe gito

    • Imyaka igihumbi ni nk’umusi umwe (4)

    • Umuntu abaho imyaka 70 canke 80 (10)

    • «Twigishe guharura imisi yacu» (12)

Ni isengesho rya Musa, umuntu w’Imana y’ukuri+. 90  Ewe Yehova, watubereye ubuhungiro*+ kuva kera na rindi*.   Wamyeho n’imbere y’uko imisozi ivuka,imbere y’uko urema isi, egome isi yimbuka+.Uri Imana kuva ibihe bidahera gushika ibihe bidahera+.   Usubiza abantu mu mukungugu,ukavuga uti: «Mwa bantu, subirayo+   Kuko imyaka igihumbi ari nk’umusi umwe* kuri wewe+.Ni nk’ikiringo kimwe gusa c’iterama* ryo mw’ijoro.   Urabakukumura+, bakazimangana nk’indoto.Mu gitondo, baba bameze nk’ivyatsi binaze+.   Mu gitondo birashurika, bigatotahara,ariko ku mugoroba bigakabirana maze bikuma+.   Erega ishavu ryawe ryatumaze+!Twatekewe n’ubwoba kubera uburake bwawe.   Ushira amakosa yacu imbere yawe*+,umuco wo mu maso hawe ugashira ahabona amabanga yacu+.   Imisi yacu yashize* kubera uburake bwawe.Imyaka yacu imaze akanya nk’ako kwiruhutsa. 10  Ubuzima bwacu bumara imyaka 70,canke 80+ ku wufise inkomezi zidasanzwe. Ariko yuzuye ivyago n’imibabaro.Ihera ningoga, natwe tukaba duhise+. 11  Ni nde yoshobora kumenya ububasha bw’ishavu ryawe? Ishavu ryawe ringana n’icubahiro ukwiye guhabwa*+. 12  Twigishe guharura imisi yacu+kugira turonke umutima w’ubukerebutsi. 13  Ewe Yehova, nugaruke+. Ibintu bizoguma gutya gushika ryari+? Niwumvire impuhwe abasavyi bawe+. 14  Nutwereke urukundo* rwawe+ mu gitondo,kugira tuvuze impundu twongere tunezerwe+ imisi yose y’ubuzima bwacu. 15  Nutunezereze imisi ingana n’iyo wamaze uduteza amarushwa+,imyaka ingana n’iyo twamaze mu magorwa+. 16  Ese abasavyi bawe bokwibonera igikorwa cawe,abana babo na bo bakibonera ubwiza bwawe buhebuje+! 17  Ese Yehova Imana yacu yotugirira ubuntu!Ese wohezagira* igikorwa c’amaboko yacu, egome, nuhezagire igikorwa c’amaboko yacu+!

Utujambo tw'epfo

Canke «ahantu ho kuba.»
Canke «uko urunganwe rwagiye rurakurikirana.»
Mu giheburayo havuga ngo «ari nk’ejo hahise.»
Ikiringo kimwe c’iterama camara nk’amasaha ane.
Canke «urazi amakosa yacu.»
Canke «ubuzima bwacu bwashize.»
Canke «igitinyiro cawe.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «wokomeza.»