Zaburi 91:1-16

  • Ubuhungiro mu kibanza cihishije c’Imana

    • Azogukiza umutego w’umuhigi w’inyoni (3)

    • Guhungira munsi y’amababa y’Imana (4)

    • Ibihumbi bazogwa ariko wewe urokoke (7)

    • Azotegeka abamarayika bagukingire (11)

91  Uwo wese yibera ahihishije ha Musumbavyose+azokwigumira mu gitutu c’amababa ya Mushoboravyose+.   Nzobwira Yehova nti: «Uri ubuhungiro bwanje n’igihome canje gikomeye+,Imana yanje nizigira+   Kuko azogukiza umutego w’umuhigi w’inyonihamwe n’ikiza gitema kigatongora.   Azogupfuka* akoresheje amubi yiwe,kandi uzohungira munsi y’amababa yiwe+. Ukudahemuka kwiwe+ kuzokubera inkinzo yagutse+ n’igihome kigukingira.   Ntuzotinya ibintu bigutera ubwoba mw’ijoro+,canke umwampi uguruka ku murango+,   canke ikiza kigendagenda mu mwiza,canke agatikizo gasasika inganda ku mutaga.   Abantu igihumbi bazogwa iruhande yawe,ibihumbi cumi na bo iburyo bwawe,ariko wewe nta na kimwe uzoba+.   Ababisha nibahanwauzovyibonera n’amaso yawe.   Ko wavuze uti: «Yehova ni ubuhungiro bwanje», ukagira Musumbavyose ahantu hatekanye uba*+, 10  nta cago kizogutera+kandi nta kiza kizokwegera ihema ryawe. 11  Kuko azotegeka abamarayika biwe+kugira bagukingire aho uzoja hose+. 12  Bazokurerura mu maboko yabo+kugira ntutsitare kw’ibuye+. 13  Uzohonyanga intambwe y’umukangara n’imvuvyi.Uzokandagira intambwe* na ca kiyoka kinini+. 14  Imana yavuze iti: «Ko yankunze*, nanje nzomurokora+. Nzomukingira kuko azi* izina ryanje+. 15  Azontabaza, nanje ndamwishure+. Nzobana na we mu bihe vy’ivyago+. Nzomutabara kandi ndamuninahaze. 16  Nzomuha kuramba+kandi nzotuma yibonera ingene ndamukiza+

Utujambo tw'epfo

Canke «azozibira inzira ishika aho uri.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «igihome gikomeye», «ubuhungiro.»
Canke «intambwe ifise ivyoya kw’izosi.»
Mu giheburayo havuga ngo «ko yifatanije nanje.»
Canke «yemera.»