Zaburi 94:1-23
94 Ewe Yehova, Mana yihora ababisha+,ewe Mana yihora ababisha, nubereke ico uri!
2 Ewe Mucamanza w’isi+, nuhaguruke!
Nusubirize mu nkoko abantu bibona+.
3 Mbega ababisha bazogeza ryari ga Yehova,bazogeza ryari kwishira hejuru+?
4 Bapfa ivyo bavuze kandi bakabivugana ubwishime.Inkozi z’ikibi zose ziguma ziyemera.
5 Ewe Yehova, barafyonyora abantu bawe+,bagacinyiza intoranwa yawe.
6 Barica umupfakazi na kavamahanga,bakica n’abana b’impfuvyi.
7 Bavuga ngo: «Yehova* nta vyo abona+.Imana ya Yakobo nta vyo inezwe+.»
8 Mwa bijuju mwe, muzokwerekana ryari ko mufise ubukerebutsi*+?Nimutahure ibi mwa mburabwenge mwe:
9 Mbega uwaremye* ugutwi, ntashobora kwumva?
Canke uwaremye ijisho, ntashobora kubona+?
10 Umwe akosora amahanga, ntashobora kubahana+?
Ni we atuma abantu baca ubwenge+.
11 Yehova arazi ivyiyumviro vy’abantu,arazi ko ari impemu gusa+.
12 Ewe Yehova*, hahiriwe umuntu ukosora+,uwo wigisha itegeko ryawe+,
13 kugira agume yitekaniye mu misi y’ivyago,gushika ababisha bimbiwe icobo+.
14 Kuko Yehova atazoheba abantu biwe+,canke ngo ate intoranwa yiwe+.
15 Emwe, hazosubira gucibwa imanza zigororotse,kandi abantu bose b’umutima ugororotse bazozisunga.
16 Ni nde azongwanira akankiza ababisha?
Ni nde azomfasha kurwanya inkozi z’ikibi?
17 Iyo Yehova atamfasha,mba narapfuye kera+.
18 Igihe navuga nti: «Ikirenge canje kiriko kiranyerera»,
urukundo* rwawe, ewe Yehova, rwagumye runshigikira+.
19 Igihe amaganya* yari yandengeye*,warampumurije wongera urampoza+.
20 Mbega wokwunga urunani n’abategetsi* bononekaye,kandi bariko bategura ivyago bitwaje amategeko*+?
21 Bagaba ibitero bikomeye ku mugororotsi+,bagacira urwo gupfa umuntu w’intungane*+.
22 Ariko Yehova azombera ubuhungiro butekanye*.Imana yanje ni yo gitandara mpungirako+.
23 Azotuma ibibi bakora bibagarukako+.
Azobahonya* kubera ububisha bwabo.
Yehova Imana yacu azobahonya+.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
^ Canke «ko mufise ugutahura kwimbitse.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «uwateye.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «ivyiyumviro bidurumbanya.»
^ Canke «yari menshi muri jewe.»
^ Canke «abacamanza.» Mu giheburayo havuga ngo «intebe y’ubwami.»
^ Canke «ingingo bashinga.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «bakavuga ko amaraso y’intungane yagirwa n’icaha.»
^ Canke «ahantu hataramutse hatekanye.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «azobanumya.»