Zaburi 95:1-11

  • Ugusenga kw’ukuri n’ukugamburuka birajana

    • «Uyu musi nimwumviriza ijwi ryayo» (7)

    • «Ntimukomantaze imitima yanyu» (8)

    • «Ntibazokwinjira mu karuhuko kanje» (11)

95  Nimuze tuvugirize impundu Yehova! Nimuze twigine intsinzi y’Igitandara c’ubukiriro bwacu+.   Nimuze tuje imbere yiwe dukenguruka+,tumuririmbire twongere twigine intsinzi.   Kuko Yehova ari Imana ihambayeakaba n’Umwami ahambaye kuruta izindi mana zose+.   Inyenga y’isi iri mu kuboko kwiwe.Amasonga y’imisozi ni rwiwe+.   Ikiyaga ni iciwe kuko ari we yakiremye+,kandi amaboko yiwe ni yo yabumvye isi+.   Nimuze tumusenge kandi tumwunamire,dupfukame imbere ya Yehova Umuhinguzi wacu+.   Kuko ari Imana yacu,natwe tukaba abantu bo mu buragiro bwayo,intama zayo yitwararika*+. Uyu musi nimwumviriza ijwi ryayo+,   ntimukomantaze imitima nka kumwe kw’i Meriba*+,nka wa musi w’i Masa* mu bugaragwa+,   igihe ba sogokuruza banyu bangerageza+.Baransomborokeje naho bari barabonye ibikorwa vyanje+. 10  Urwo runganwe* rwamaze imyaka 40 runshisha, maze mvuga nti: «Imitima y’aba bantu iguma izimira.Ntibigeze bamenya inzira zanje.» 11  Naciye ndahira n’ishavu n’akantu nti: «Ntibazokwinjira mu karuhuko kanje+

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «zo mu kuboko kwiwe.»
Iryo zina risobanura ngo «gushwana.»
Iryo zina risobanura ngo «kugerageza», «ikigeragezo.»
Canke «iyaruka.»