Zaburi 96:1-13
96 Nimuririmbire Yehova indirimbo nshasha+.
Nimuririmbire Yehova, yemwe abo kw’isi mwese+!
2 Nimuririmbire Yehova, mushemeze izina ryiwe.
Uko bukeye, nimutangaze inkuru nziza y’ubukiriro atanga+!
3 Nimumenyekanishe ubuninahazwa bwiwe mu mahanga,mumenyekanishe ibikorwa vyiwe bitangaje mu makungu yose+.
4 Yehova arahambaye kandi arabereye gushemezwa cane.
Arateye akoba gusumba izindi mana zose.
5 Imana zose z’amahanga ni imana ata co zimaze+,mugabo Yehova ni we yaremye* ijuru+.
6 Icubahiro* n’ubwiza buhebuje biri imbere yiwe+.Inkomezi n’ubwiza bibarizwa ahantu heranda aba+.
7 Yemwe miryango y’amahanga, nimuhe Yehova ivyo akwiriye.Nimuhe Yehova ivyo akwiriye kubera ubuninahazwa bwiwe n’inkomezi ziwe+.
8 Nimuhe Yehova ubuninahazwa bubereye izina ryiwe+.Nimurenguke mu bigo vyiwe muzanye ingabire.
9 Nimwunamire* Yehova mwambaye ivyambarwa vyeranda*.Nimujugumire imbere yiwe, yemwe abo kw’isi mwese!
10 Nimutangaze mu mahanga muti: «Yehova abaye Umwami+!
Isi* yarashimangiwe, ntishobora kunyiganyizwa.
Azocira abantu imanza zigororotse*+.»
11 Ijuru nirihimbarwe, isi na yo inezerwe.Ikiyaga n’ibicuzuye vyose nibituragare+.
12 Imirima n’ibiyirimwo vyose nibinezerwe+.
Ibiti vyo mw’ishamba vyose na vyo nyene nibivuze impundu+
13 imbere ya Yehova, kuko agira aze*.Agira aze gucira urubanza isi.
Azocira urubanza isi mu bugororotsi+,acire urubanza abantu mu bwizigirwa+.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «yahinguye.»
^ Canke «iteka.»
^ Canke «nimusenge.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «kuko ubweranda bwiwe bwakaka.»
^ Canke «isi yimbuka.»
^ Canke «azoburanira abantu mu bugororotsi.»
^ Canke «kuko yaje.»