Zaburi 97:1-12

  • Yehova ari hejuru y’izindi mana

    • «Yehova abaye Umwami!» (1)

    • Kunda Yehova, wanke ikibi (10)

    • Umuco w’abagororotsi (11)

97  Yehova abaye Umwami+! Isi ninezerwe+. Amazinga menshi nahimbarwe+.   Akikujwe n’ibicu hamwe n’umwiza w’umuzitanya+.Ubugororotsi n’ubutungane ni vyo mushinge w’intebe yiwe y’ubwami+.   Imbere yiwe hari umuriro+kandi ugenda urayigiza abansi biwe ku mpande zose+.   Imiravyo yiwe ibonesha igihugu cose.Isi irabibona ikajugumira+.   Imisozi irashonga nk’ishashara imbere ya Yehova+,imbere y’Umukama w’isi yose.   Ijuru riratangaza ubugororotsi bwiwe,kandi amahanga yose arabona ubuninahazwa bwiwe+.   Abo bose basenga ibishusho vy’ibibazano nibamaramare+,abo bose biratira imana zabo ata co zimaze+. Nimumwunamire* mwa bigirwamana mwese+!   Siyoni yaravyumvise iranezerwa+.Ibisagara* vy’Ubuyuda vyarahimbawekubera imanza zawe, ewe Yehova+!   Kuko wewe Yehova, uri Musumbavyose kw’isi yose.Uri hejuru cane y’izindi mana zose+. 10  Yemwe abakunda Yehova, nimwanke ikibi+. Akingira ubuzima bw’intahemuka ziwe+,akabarokora mu kuboko* kw’ababisha+. 11  Umuco wararasiye abagororotsi+,abafise umutima ugororotse baranezerwa. 12  Nimuhimbarwe kubera Yehova, yemwe bagororotsi.Nimuhayagize izina* ryiwe ryeranda.

Utujambo tw'epfo

Canke «nimumusenge.»
Mu giheburayo havuga ngo «abakobwa.»
Canke «mu bubasha.»
Mu giheburayo havuga ngo «icibutso.»