Zakariya 12:1-14

  • Yehova azorwanira Ubuyuda na Yeruzalemu (1-9)

    • Yeruzalemu izoba «ibuye riremereye» (3)

  • Bazoborogera uwo basogose (10-14)

12  Ibi ni vyo Imana imenyesheje: «Ubu ni ubutumwa bwa Yehova bwerekeye Isirayeli», ni ko Yehova avuze,umwe yaramvuye ijuru+,agashinga umushinge w’isi+kandi akarema impwemu* iri mu muntu.  «Yeruzalemu ngira ndayigire igikombe* gituma amahanga ayikikuje adandabagirana. Ubuyuda na Yeruzalemu bizokwugarizwa+.  Kuri uwo musi Yeruzalemu nzoyigira ibuye riremera* amahanga yose. Abazoriterura bose ntibazogenda badakomeretse cane+. Amahanga yose yo kw’isi azokoranira hamwe ngo ayirwanye+  Yehova avuze ati: «Kuri uwo musi amafarasi yose nzoyatera ubwoba, abayagenderako ndabateze ibisazi. Nzogumiza amaso ku Buyuda, mugabo amafarasi yose y’amahanga nzoyateza uruhumyi.  Abatware* b’Ubuyuda bazokwibwira mu mutima bati: “Ababa i Yeruzalemu ni inkomezi zacu kubera Yehova Nyeningabo Imana yabo+.”  Kuri uwo musi, abatware bo mu Buyuda nzobagira nk’inkono yaka umuriro hagati mu biti, ndabagire nk’ikimuri mu miganda y’ibinyantete bimbuye+. Bazoturira amahanga yose abakikuje iburyo n’ibubamfu+. Ababa i Yeruzalemu bazosubira kuba mu gisagara cabo*, ari co Yeruzalemu+.  Yehova azobanza gukiza amahema yo mu Buyuda, kugira ngo ubwiza* bw’umuryango* wa Dawidi n’ubw’ababa i Yeruzalemu ntibusumbe cane ubw’Ubuyuda.  Kuri uwo musi, Yehova azokingira ababa i Yeruzalemu impande zose+. Kuri uwo musi uwuzotsitara* muri bo azoba nka Dawidi, umuryango wa Dawidi na wo ube nk’Imana, nk’umumarayika wa Yehova abaja imbere+.  Kuri uwo musi, nzotikiza koko amahanga yose aza gutera Yeruzalemu+. 10  Nzosuka ku muryango wa Dawidi no ku baba i Yeruzalemu impwemu y’ugushimwa n’ukwinginga. Bazoraba uwo basogose+, bamuborogere nk’ababorogera umwana w’ikinege. Bazomugandarira batuntuye cane nk’abagandariye umwana w’imfura. 11  Kuri uwo musi, i Yeruzalemu hazoba amaborogo akomeye, nk’amaborogo y’i Hadadirimoni mu kiyaya ca Megido+. 12  Igihugu kizoboroga, umuryango umwumwe ukwawo: umuryango w’abakomoka kuri Dawidi* ukwawo n’abagore babo ukwabo, umuryango w’abakomoka kuri Natani+ ukwawo n’abagore babo ukwabo, 13  umuryango w’abakomoka kuri Lewi+ ukwawo n’abagore babo ukwabo, umuryango w’Abashimeyi+ ukwawo n’abagore babo ukwabo, 14  n’imiryango yose isigaye, umuryango umwumwe ukwawo n’abagore babo ukwabo.

Utujambo tw'epfo

Canke «impemu.»
Canke «ibakure.»
Canke «ry’amananiza.»
Mu giheburayo havuga ngo «abashehe.» Umushehe yari umukuru w’umuryango.
Canke «ahantu habo bakwiriye.»
Canke «iteka.»
Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»
Canke «uwugoyagoya cane.»
Mu giheburayo havuga ngo «umuryango w’inzu ya Dawidi.»