Zakariya 2:1-13

  • Iyerekwa rya 3: Umugabo afise umugozi wo gupimisha (1-13)

    • Yeruzalemu ipimwa (2)

    • Yehova ni «uruzitiro rw’umuriro» (5)

    • Gukora ku mbone y’ijisho ry’Imana (8)

    • Amahanga menshi azokwifatanya na Yehova (11)

2  Nuko ndaramuye amaso, mbona umugabo afise umugozi wo gupimisha+ mu kuboko.  Ndamubaza rero nti: «Ugiye hehe?» Anyishura ati: «Ngiye gupima Yeruzalemu kugira ngo ndabe ubwaguke bwayo n’uburebure bwayo+  Maze uwo mumarayika yariko avugana nanje aragenda, uwundi mumarayika aza guhura na we.  Hanyuma amubwira ati: «Iruka hariya ubwire urya musore uti: “‘Yeruzalemu bazosubira kuyibamwo+ ari nk’akarere katazitiye ko mu gihugu hagati, kubera ubwinshi bw’abantu n’ibitungwa bizoba biriyo+.  Nzoyibera uruzitiro rw’umuriro ruyikikuza+’, ni ko Yehova avuze, ‘kandi nzoyuzuza ubuninahazwa bwanje+.’”»  «Ingo! Ingo! Nimuhunge muve mu gihugu co mu buraruko+», ni ko Yehova avuze. «Kuko nabashwiragirije ku mpande zine z’isi*+», ni ko Yehova avuze.  «Ingo Siyoni! Hunga, wewe ubana n’umukobwa wa Babiloni+.  Kuko Yehova Nyeningabo amaze kuninahazwa*, yantumye ku mahanga yahora abanyaga+. Avuze ati: “Uwubakozeko aba akoze ku mbone y’ijisho ryanje+.  Kuko ngira nzungagize ukuboko ndayarwanye, asahurwe n’abashumba bayo+.” Namwe muzomenya vy’ukuri yuko Yehova Nyeningabo ari we yantumye. 10  Ewe mukobwa wa Siyoni*+, niwihe akamo k’umunezero kuko nje+ kandi nzoba hagati muri wewe+», ni ko Yehova avuze. 11  «Amahanga menshi azokwifatanya na Yehova kuri uwo musi+, abantu bayabamwo babe abantu banje. Nzoba hagati muri wewe.» Nawe uzomenya vy’ukuri yuko Yehova Nyeningabo ari we yakuntumyeko. 12  Yehova azokwigarurira Ubuyuda, bumubere umugabane ku butaka bweranda, kandi azokwongera guhitamwo Yeruzalemu+. 13  Abantu bose* nibacereze imbere ya Yehova, kuko avuye ahantu heranda aba ngo agire ico akoze.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «mu miyaga ine y’ijuru.»
Mu giheburayo havuga ngo «inyuma y’ubuninahazwa.»
«Umukobwa wa Siyoni» ni amajambo ndyoshamvugo kenshi asigura igisagara ca Yeruzalemu canke abakibamwo.
Canke «igifise umubiri cose.»