Zefaniya 2:1-15
2 Nimukoranire hamwe, egome, nimukoranire hamwe+,yemwe bantu bo mw’ihanga ritagira isoni+!
2 Imbere y’uko ingingo y’Imana ishirwa mu ngiro,imbere y’uko wa musi uhita nk’umuguruka,imbere y’uko ishavu rirurumba rya Yehova ribazako+,imbere y’uko umusi w’ishavu rya Yehova ubazako,
3 nimurondere Yehova+, mwese abicisha bugufi* bo kw’isi,mwebwe mukurikiza ingingo* ziwe zigororotse.
Nimurondere ubugororotsi, nimurondere ukwicisha bugufi*.
Hari aho Yehova yobahisha ku musi w’ishavu ryiwe+.
4 Kuko igisagara ca Gaza kizohebwa,Ashikeloni na yo igacika umusaka+.
Abanyashidodi bazokwirukanwa izuba riva*,Ekuroni na yo izoranduranwa n’imizi+.
5 «Haragowe ababa ku nkengera y’ikiyaga, ihanga ry’Abakereti+!
Kuko Yehova yabaciriye urubanza rubi.
Ewe Kanani, gihugu c’Abafilisitiya, nzogutikizaku buryo ata muntu azosigara muri wewe.
6 Inkengera y’ikiyaga izohinduka uburagiro,burimwo ibinogo vy’amazi y’abungere n’impongore z’intama.
7 Hazocika akarere k’abasigaye mu muryango wa Yuda+;aho ni ho bazoragirwa.
Ku mugoroba bazokwiryamira mu mazu y’i Ashikeloni.
Kuko Yehova Imana yabo azobitwararika,akagarukana abantu babo bagizwe imbohe+.»
8 «Narumvise agacokoro k’Abanyamowabu+ n’ibitutsi vy’Abamoni+,ivyo batutse abantu banje, birata ngo bazobatwara akarere kabo+.
9 Ku bw’ivyo, ndirahiye jewe Imana nzima», ni ko Yehova Nyeningabo avuze, ya Mana ya Isirayeli,«Mowabu hazoba nka Sodomu+,Amoni na ho habe nka Gomora+,higanzirwe n’ivyatsi vy’ibisuru, isi y’umunyu, habe umusaka ibihe vyose+.
Abasigaye mu bantu banje bazosahura ibintu vyabo,kandi abasigaye mw’ihanga ryanje bazokwigarurira akarere kabo.
10 Iyo ni yo izoba impembo y’ubwishime bwabo+,kuko batutse abantu ba Yehova Nyeningabo kandi bakabiratako.
11 Yehova azotuma batekerwa n’ubwoba,kuko azohindura ubusa* imana zose zo kw’isi,kandi ababa mu mazinga bose bazomwunamira*+,umwe wese mu kibanza ciwe.
12 Na mwebwe Abanyetiyopiya muzokwicwa n’inkota yanje+.
13 Azoramvurira ukuboko mu buraruko atikize Ashuri,kandi azotuma Ninewe hacika umusaka+, ahantu humye nk’ubugaragwa.
14 Amasho y’ibikoko ni ho azokwiryamira, emwe, ibikoko vy’ubwoko bwose.
Inyoni bita igisafu n’ikinyogoto bizokwirarira hagati y’inkingi zaho.
Hazokwumvikana ijwi riririmba* mw’idirisha.
Mu rwinjiriro rwaho hazokwuzura isakamburira,kuko azoshishagura ibisharizo vyometse ku mbaho z’amasederi.
15 Ico ni ca gisagara cirata, cahora ciraramiye ata co cinona,kimwe cahora cibwira mu mutima ngo: “Ndi uwa mbere, nta wonyigereranya.”
Ewe kuntu gisigaye giteye ikigongwe!Gisigaye ari uburaro bw’ibikoko vyo mw’ishamba.
Uwuzoca iruhande yaco wese azovuza agahwa, azunze umutwe*+.»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ubutekereji.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «imanza.»
^ Canke «abatekereza.»
^ Canke «sasita.»
^ Canke «kuko azokwondesha.»
^ Canke «bazomusenga.»
^ Rishobora kuba ryari ijwi ry’umuyaga uhuhuta, ry’inyoni canke ry’ibikoko vyo mw’ishamba.
^ Mu giheburayo havuga ngo «ahagere ingumu.»