Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Twarakozwe ku mutima n’urukundo batugaragarije”

“Twarakozwe ku mutima n’urukundo batugaragarije”

KU WA gatandatu, igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2015, nyamugigima ikomeye cane yarihaye inkumbi muri Nepale, igihugu kigizwe ahanini n’imisozi kiri mu buraruko bw’Ubuhindi. Iyo nyamugigima yakubise ihereye mu karere kari nko ku bilometero 80 mu buraruko bushira uburengero bw’umurwa mukuru Kathmandu. Yahitanye abantu barenga 8.500, ico kikaba ari co cago c’icaduka cahitanye abantu benshi kuva Nepale yakabaho. Inzu zirenga 500.000 zarasambutse. Muri Nepale hari Ivyabona vya Yehova 2.200. Ico gihe benshi muri bo baba muri ako karere kashikiwe na nyamugigima. Ikibabaje umwe muri bo n’utwana twiwe tubiri barahasize ubuzima.

Icabona yitwa Michelle avuga ati: “Iyo nyamugigima yabaye igihe Ivyabona bo mu karere kasinzikaye cane bari bagiye gusenga. Iyo iza gusanga benshi bibereye muhira, nta nkeka ko ibara ryari kugwa.” None ni kubera iki abari bagiye gusenga barokotse? Ukuntu Ingoro z’Ubwami zaho zubakwa vyarafashije cane.

“UBU TURABONA AKAMARO KAVYO”

Ingoro z’Ubwami zo muri Nepale zubakwa ku buryo zirinda nyamugigima. Man Bahadur, akaba ari mu bubaka Ingoro z’Ubwami, avuga ati: “Benshi baratubaza igituma izo nzu ntoyi twaziha umushinge ukomeye ukuraho. Ariko ubu turabona akamaro kavyo.” Iyo nyamugigima imaze gucureha, abantu barahawe indaro ku Ngoro z’Ubwami. Naho iyo nyamugigima itari bwahere neza, Ivyabona vya Yehova n’ababanyi babo bumva batekaniwe mu Ngoro z’Ubwami.

Ivyabona vya Yehova n’ababanyi babo barahawe indaro ku Ngoro z’Ubwami

Abakurambere bo mu Vyabona baciye barondera badatebaganye abagize ishengero batari bazi irengero ryabo. Icabona yitwa Babita yagize ati: “Abakurambere bashize imbere ineza y’abagize ishengero. Twarakozwe ku mutima n’urukundo batugaragarije.” Umusi wakurikiye nyamugigima, Ivyabona batatu bagize komite ihagarikiye igikorwa c’Ivyabona vya Yehova muri Nepale, hamwe n’Ivyabona bagendera amashengero, baratanguye kuza baraca mu mashengero kugira bamenye ibikenewe no kugira bafate mu mugongo abakurambere baho.

Gary Breaux wo ku cicaro gikuru c’Ivyabona, yaragendeye abashikiwe n’ico cago

Haciye imisi itandatu, Gary Breaux n’umukenyezi wiwe Ruby baragiye muri Nepale bavuye muri Amerika ku cicaro gikuru c’Ivyabona. Reuben wo muri ya komite ihagarikiye igikorwa c’Ivyabona muri Nepale, yavuze ati: “Kubera ko i Kathmandu ibintu vyari vyayangaye na nyamugigima ikaba itari bwahere neza, ntitwari tuzi ko umuvukanyi Breaux bimukundira kuza. Ariko yari yiyemeje kuza, kandi yaraje. Ivyabona bo muri Nepale barabikengurutse cane.”

“TWUMVISE TURUSHIRIJE KWUNGA UBUMWE”

Silas, akaba akorera ku biro vy’Ivyabona vyo muri Nepale, yavuze ati: “Twapfuye gusa gusubira kuronka umurongo wa telefone, telefone zica zitangura gucanacanako ijoro n’umurango. Ivyabona bagenzi bacu bo hirya no hino kw’isi baripfuza kumenya amakuru yacu. Naho bamwe bavuga indimi tutazi, twarumva ko badukunda be n’uko bipfuza cane kudufasha.”

Ba baganga bavuye i Buraya barafashije abashikiwe n’ico cago

Haciye imisi nk’ingahe, Ivyabona b’abasangwa barazanye imfungurwa ku Ngoro z’Ubwami kugira basabikanye n’abandi. N’ikindi, harashinzwe Komite ijejwe gutabara kandi bidatevye imfashanyo zaratanguye kwisukira zivuye canecane muri Bangladeshi, mu Buhindi no mu Buyapani. Budakeye na kabiri, umugwi w’abaganga ugizwe n’Ivyabona bavuye i Buraya barashitse maze batangura gukorera ku Ngoro z’Ubwami. Baciye banzika igikorwa, batangura gusuzuma amagara y’abashikiwe n’iyo nyamugigima no kubafasha kwihanganira intuntu bari bafise.

Umukenyezi umwe yitwa Uttara, yavuze ati: “Iyo nyamugigima yari iteye ubwoba. Ariko inyuma y’ico cago, twumvise turushirije kwunga ubumwe n’abo dusangiye ukwemera.” Ukwo ni ko n’abandi babibona. Kandi ni vyo. Iyo nyamugigima ntiyanyiganyije urukundo Ivyabona bakunda Yehova be n’urwo bakundana hagati yabo, ahubwo yararukomeje.