Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

BARARWANYE URWO RUGAMBA

Inkuru ya Ricardo na Andres

Inkuru ya Ricardo na Andres

Inyigisho Bibiliya itanga irafise ububasha budasanzwe bwo guhindura ubuzima bw’umuntu. Raba uburorero bubiri buvyerekana. Kamwe ni aka Ricardo akandi ni aka Andres.

RICARDO: Igihe nari mfise imyaka 15 narifatanije n’akagwi k’inkozi z’ikibi. Abo bagenzi bashasha, baranyosha cane. Harageze n’aho nishingira umugambi wo kumara imyaka cumi mw’ibohero. Ivyo womenga ntivyumvikana. Mugabo mu kibano iwacu, abaciye mw’ibohero wasanga bemerwa cane kandi bubahwa. Nipfuza rero kumera nka bo.

Narakoze amabi yose abaho, harimwo ukunywa ibiyayuramutwe, ubuhumbu n’ubugizi bwa nabi. Umusi umwe mw’ijoro twararasanye n’akandi kagwi. Nari nzi ko ndahasiga ubuzima, mugabo nararusimvye. Inyuma y’ivyo, naratanguye kwiyumvira cane ibijanye n’ubuzima bwanje be n’imigambi nari mfise, nca mfata ingingo yo kugira ivyo mpinduye. Ariko sinabona aho nohera. Ni hehe nari gukura icomfasha?

Benshi mu ncuti zanje ntibari bahimbawe. Bari bafise ingorane nyinshi. Mugabo umuryango w’umwe muri ba marume, wowo wari uhimbawe. Nari nzi yuko ari abantu beza kandi ko babaho bisunga Bibiliya. Ni na bo bambwiye ko Imana yitwa Yehova. Rero inyuma ya kwa kurasana, narasenze Yehova ndamuvuga mw’izina, ndamusaba ngo amfashe. Igitangaje ni uko ku musi ukurikira hari Icabona ca Yehova yadodoye iwanje. Ni we yahavuye anyigisha Bibiliya.

Ariko sinatevye gushikirwa n’ingorane ikomeye. Abagenzi twahorana barakunda kunterefona bansaba ngo ngende duteramane. Naho bitari vyoroshe narabankira. Nari niyemeje kubandanya niga Bibiliya, kandi ndaryohewe kubona narafashe iyo ngingo. Ubuzima bwanje bwarabaye bwiza cane, ndahimbarwa vy’ukuri.

Umusi umwe narasenze Imana ndayibwira yuko nigeze kwipfuza kumara imyaka cumi mw’ibohero kugira ngo nanje nze ndubahwa nk’abandi. Naciye ndayisaba rero ngo inshoboze kumara n’imiburiburi imyaka cumi nkoresha umwanya munini mu kubwira abandi inkuru nziza, kugira ndabafashe nk’uko nanje nafashijwe. Imana yaranyishuye kuko ubu maze imyaka 17 nkora ico gikorwa. Kandi ico mwomenya ni uko ntigeze nja mw’ibohero.

Ariko benshi mu bagenzi twahorana bamaze imyaka myinshi mw’ibohero. Abandi na bo barapfuye. Iyo ntereje amaso inyuma, ndashimira cane incuti zanje z’Ivyabona. Baremeye kubaho bisunga Bibiliya bituma baba abatandukanye n’abandi. Nahavuye ndushiriza kububaha kuruta uko nahora nubaha abari bagize ka kagwi nahoramwo. N’ikiruta vyose, ndashimira Imana kubona yaranyigishije kubaho mu buryo bwiza kuruta.

ANDRES: Navukiye mu gasagara gakenye, hakaba hari hagwiriye ibiyayuramutwe, ukunyaga abantu, ubwicanyi n’ubusambanyi. Dawe yari yariziziwe n’inzoga be n’ikiyayuramutwe citwa kokayine. We na mawe bama batukana bongera bagwana.

Natanguye kunywa ibiyayuramutwe n’inzoga nkiri muto cane. Akenshi nibera mw’ibarabara, nkiba ngaca ngurisha ivyo nivye. Ndiko ndakura, dawe yaragerageje kunyiyegereza ariko ntiyabigize mu buryo bwiza. Yaranyigishije ingene noza ndinjiza mu gihugu ibiyayuramutwe be n’ibindi bintu bitemewe n’amategeko mu kinyegero, ngaca ndabigurisha. Sinatevye kuronka amahera menshi. Umusi umwe abapolisi baraje iwanje kumfata baca baranjana. Naciriwe gupfungwa imyaka itanu kubera ko nashatse kwica umuntu.

Umusi umwe mu gitondo, twagiye twumva mu vyuma biduza amajwi vy’ibohero itangazo ritumira abanyororo kuja kwumviriza inyigisho yo muri Bibiliya yari gutangwa n’Ivyabona vya Yehova. Naragiye kuyumviriza. Ivyo bigishije vyarumvikana. Naciye rero mfata ingingo yo kwiga Bibiliya n’Ivyabona. Ntibatinya kumbwira ukuri kwo muri Bibiliya ngo vyohava bimbabaza, ahubwo baranyereka ingene Imana ibona ibintu.

Nahavuye mbona ko bitari gukunda ko mpinduka ntaronse uwumfasha, na canecane igihe abanyororo batashima ivyo nariko ndiga baba banteye ubwoba. Narasenze Yehova ngo ampe inkomezi n’ubukerebutsi, kandi yaramfashije. Aho gusha coba, n’inkuru nziza narayibabwira.

Igihe narekurwa, narabuze amahoro ku buryo numva nokwigumira mw’ibohero. Ndiko ndasohoka, abanyororo baransezeye. Hari n’abavuze n’ikigumbagumba cinshi bati: “Igire amahoro mukozi w’Imana.”

Iyo niyumviriye ivyari kunshikira iyo ntareka ngo Imana inyigishe, birantera ubwoba. Ndashimira Imana bimwe bigera kure kubona yarankunze, ikaguma ibona ko hari ico nzovamwo. *

^ Ubundi burorero bwerekana ububasha Bibiliya ifise bwo guhindura ubuzima bw’abantu, turabusanga kuri jw.org. Ja ahavuga ngo IVYASOHOWE, uce uraba mu biza birasohoka ibiganiro bivuga ngo “Bibiliya irahindura ubuzima.”.