Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INTWARO IZOTSINDA URWO RUGAMBA

‘Amahoro ntazogira iherezo’

‘Amahoro ntazogira iherezo’

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ririko rirahimiriza abantu bose gusenyera ku mugozi umwe, kwubahiriza agateka ka zina muntu, no gukingira ibidukikije. Uti kubera iki? Nk’uko vyavuzwe na Maher Nasser mu kinyamakuru kimwe ca ONU, ni “kubera ko ihindagurika ry’ikirere, ubugizi bwa nabi, akarenganyo, amatati, abata izabo, iterabwoba, indwara z’ivyaduka be n’ibindi nk’ivyo . . . ata ho vyimiriwe.”

Hari mbere n’abashitse kure basaba ko hoshingwa leta imwe iganza isi yose. Muri abo harimwo umuhinga mu vya fizike yitwa Albert Einstein (yavutse mu 1879 apfa mu 1955) be n’umufilozofe w’Umutaliyano yitwa Dante (yavutse mu 1265 apfa mu 1321). Uwo Dante kandi yari umunyapolitike akaba n’umwanditsi w’ivyese. Yabona ko ata mahoro ashoboka mw’isi yiciyemwo ibice mu vya politike. Yasubiyemwo amajambo ya Yezu Kristu mu kuvuga ko iyo ubwami bwiciyemwo kubiri buhona.​—Luka 11:17.

Inyuma gatoyi ya ya Ntambara ya kabiri y’isi yose yakoreshwamwo amabombe ruhonyanganda abiri, Albert Einstein yarandikiye ikete ryuguruye Inama Nkuru ya ONU. Yagize ati: “Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rikwiye gutunganya ningoga ibikenewe vyose, rigashinga leta yoganza isi yose kugira ngo hose harangwe umutekano.”

Ariko none abategetsi bobaye bagize iyo leta, bobo ntiboriye igiturire? Nta vyobananiye gukora? Ntibotwaje umukazo? Canke na bo nyene bobaye babi cokimwe n’abandi bategetsi bose? Ivyo bibazo biratwibutsa amajambo y’umuhinga mu vya kahise w’Umwongereza yitwa Lord Acton, uwavuze yuko uko umuntu arushiriza kugira ubukuru ari ko arushiriza kuba mubi.

Ico twomenya coco ni uko kugira ngo abantu babeho mu mahoro n’umwumvikano bategerezwa kuba bunze ubumwe. None ivyo bobishikako gute? Vyoba hoho binashoboka? Bibiliya ivuga ko bishoboka kandi ko bizoranguka ata kabuza. None bizogenda gute? Ntibizokorwa n’intwaro y’abantu iganza isi yose, igizwe n’abategetsi bononekaye. Ahubwo bizokorwa n’intwaro y’Imana. Bisubiye, ni yo Imana izokoresha mu kwerekana ko ari yo yonyene ishoboye kuganza abantu. None iyo ntwaro ni iyihe? Bibiliya iyita “Ubwami bw’Imana.”​—Luka 4:43.

“UBWAMI BWAWE NIBUZE”

Muri rya sengesho ry’akarorero, Yezu Kristu yariko yiyumvira ibijanye n’Ubwami bw’Imana igihe yavuga ati: “Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi.” (Matayo 6:9, 10) Ubwami bw’Imana buzotuma ivyo Imana igomba bikorwa kw’isi. Ntibuzoba buzanywe no gushitsa ivyo abantu bahahamira ubutegetsi kandi bikunda bagomba.

Ubwami bw’Imana bwitwa kandi “ubwami bwo mw’ijuru.” (Matayo 5:3) Kubera iki? Naho buzotegeka isi, ntibuzoganza buri kw’isi, ahubwo buzoganza buri mw’ijuru. Ivyo bisobanura ko iyo ntwaro itazokenera amahera ikoresha canke ngo itoze amatagisi. Iyumvire ingene ivyo bizoruhurira abantu!

Nk’uko ijambo “ubwami” rivyerekana, Ubwami bw’Imana ni intwaro iganzwa n’umwami. Uwo Mwami ni Yezu Kristu, akaba yagenywe n’Imana. Ku bijanye na Yezu, Bibiliya ivuga iti:

  • “Ubutware buzoba ku bitugu vyiwe . . . Ukugwira kw’ubutware bgiwe n’amahoro ntibizogira iherezo.”​—Yesaya 9:6, 7, Bibiliya Yera.

  • “Ahabwa ubutware n’iteka n’ubwami, kugira ngo ibisata vy’abantu, imiryango y’amahanga n’indimi vyose bimukorere. Ubutware bwiwe . .  [ntibu]zovaho.”​—Daniyeli 7:14.

  • “Ubwami bw’isi bucitse ubwami bw’Umukama wacu [Imana] n’ubwa Kristu wiwe.”​—Ivyahishuwe 11:15.

Nk’uko Yezu yabivuze muri rya sengesho ry’akarorero, Ubwami bw’Imana buzoshitsa neza ivyo Imana igomba kw’isi. Ku ngoma y’ubwo Bwami, abantu bose bazokwigishwa ingene bokwitwararika isi ku buryo isubira kumera neza, ibinyabuzima bigasubira kugwira.

Ikiruta vyose, Ubwami bw’Imana buzokwigisha abo butwara. Bose bazokwigishwa bimwe. Nta ndyane canke amacakubiri bizoba biriho. Muri Yesaya 11:9 havuga hati: “Nta kizokora inabi canke ngo kigire ico cononye; kuko isi izokwuzura koko ubumenyi bwa Yehova nk’uko amazi apfutse ikiyaga.”

Ababa kw’isi bazobana mu mahoro vy’ukuri, ivyo akaba ari vyo Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryashaka gushikako ariko bikanka. Muri Zaburi 37:11 havuga ko “bazokwinovora amahoro menshi.” Hazogera igihe tutazoba tukivuga amajambo nk’aya ngo “ubugizi bwa nabi,” “kwonona ibidukikije,” “ubukene,” n’“intambara.” Ariko none ivyo bizoba ryari? Ubwami bw’Imana buzotangura kuganza ryari? Buzobigenza gute? Kandi wokwungukira gute ku ntwaro y’ubwo Bwami? Reka tubirabe.