Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abavyeyi barigisha abana babo kugaragaza urukundo biciye ku karorero babaha

ICOFASHA MURI URWO RUGAMBA

Kwiga gutandukanya iciza n’ikibi

Kwiga gutandukanya iciza n’ikibi

Hari abahungu b’imiyabaga bagirijwe ko bashatse gufata ku nguvu umunyeshure w’umuhungu bari kumwe mu rugendo rw’ishure. Bose biga kw’ishure rikomeye cane ry’abikorera utwabo ryo muri Kanada. Ivyo bimaze kuba, umumenyeshamakuru yitwa Leonard Stern yanditse mu kinyamakuru kimwe ati: “Guca ubwenge, kwiga mu mashure meza canke gutunga ntibibuza abakiri bato gukora ibibi.”

Stern yongeyeko ati: “Ku bwa ngingo, umuntu yokwitega ko ico abavyeyi boshira imbere ari ukwigisha abana babo indero runtu. Ariko rero, biboneka ko abavyeyi benshi bashira imbere cane ivy’uko abana babo bamenya kw’ishure, bakaronka akazi keza kazotuma baronka amahera menshi.”

Ni ivy’ukuri ko kwiga ari ngirakamaro. Ariko naho umuntu yokwiga mu mashure ameze neza gute, ntibica bituma arwanya ivyipfuzo bibi canke ivyiyumviro bibi. None ni hehe twokura inyigisho yodufasha kugira imico myiza?

INYIGISHO IRUTA IYO AMASHURE ATANGA

Bibiliya imeze nk’icirore. Igihe twiravye muri yo, turabona neza intege nke zacu be n’ivyo tudashoboye. (Yakobo 1:23-25) Ariko rero ntigarukira kuri ivyo gusa. Iradufasha kugira ivyo duhinduye, tukiga kugaragaza imico ituma turemesha ubumwe n’amahoro. Aho twovuga nk’ukumera neza, ubuntu, ukwihangana, ukwigumya n’urukundo. Urukundo mbere rwitwa “umugozi utagira akanenge wunga ubumwe.” (Abakolosayi 3:14) Kubera iki urukundo ruhambaye ukuraho? Raba ivyo Bibiliya ivuga ku vyerekeye urukundo.

  • “Urukundo ruriyumanganya kandi rugira ubuntu. Urukundo ntirugira ishari, ntirwiyemera, ntirwivyimvya, ntirwigenza ukutabereye, ntirurondera inyungu zarwo bwite, ntirukaza ishavu. Ntiruza ruraharura ikibi rukorewe. Ntirunezererwa ibitagororotse [canke ibibi], ahubwo runezeranwa n’ukuri. Rurenzako muri vyose, . . . rwihanganira vyose. Urukundo ntirwigera runanirwa.”​—1 Abakorinto 13:4-8.

  • “Urukundo ntirukorera ikibi umugenzi.”​—Abaroma 13:10.

  • “Hejuru ya vyose, mugiriranire urukundo rwinshi, kuko urukundo rupfuka ibicumuro indiri.”​—1 Petero 4:8.

Uhora wumva umerewe gute uri kumwe n’abantu bagukunda? Wumva utekanye? Wisanzuye? Ego cane. Nakare uba uzi yuko bakwipfuriza ineza, kandi ko badashobora kukubabaza nkana.

Urukundo ruratuma kandi abantu bagira ivyo bahevye, mbere bakemera guhindura ubuzima bwabo, ku neza y’abandi. Nk’akarorero, igihe umugabo twise Georges yaronka umwuzukuru, yaripfuza cane kuza aramarana umwanya na we. Ariko yari afise ikibazo. Yaranywa itabi cane, kandi umukwe wiwe ntiyashaka ko arinywera iruhande y’uwo mwana. None Georges yaciye akora iki? Naho yari amaze imyaka 50 anywa itabi, yararihevye ku neza y’umwuzukuru wiwe. Umve nawe ukuntu urukundo rukomeye!

Bibiliya iradufasha kugaragaza imico myiza, nk’ubuntu, ukumera neza, na canecane urukundo

Urukundo si ikintu mvukanwa. Abavyeyi baragira uruhara rukomeye mu kwigisha abana babo gukunda abandi. Barabagaburira, bakabakingira kandi bakabafasha igihe bababaye canke barwaye. Abavyeyi beza baraganira n’abana babo kandi bakabigisha. N’ikindi kandi barabatoza indero, ivyo bikaba birimwo kubigisha gutandukanya iciza n’ikibi. Vyongeye, abavyeyi beza baratanga akarorero keza, bakabera icitegererezo abana babo.

Ariko ikibabaje, abavyeyi bamwebamwe ntibashitsa neza amabanga bajejwe. Ivyo none bisobanura ko abana babo ata co bazovamwo? Habe namba. Hari uburorero bw’abantu benshi, ushizemwo n’abakuriye mu miryango irimwo ibibazo, bahindutse bimwe bidasanzwe baba abantu bitwararikana kandi b’abizigirwa. Nk’uko tuza kubibona mu kiganiro gikurikira, muri abo bantu harimwo n’ababonwa ko batakivayo.